Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigeme bafashwe ku nguvu bahamagarirwa kutirukira gukorora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abigeme bafashwe ku nguvu bahamagarirwa kutirukira gukorora (...)

Abigeme bafashwe ku nguvu bahamagarirwa kutirukira gukorora inda

lundi 28 Gitugutu 2013

N’aho ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika nka Tunisiya, Cap Vert hamwe na Afrika y’epfo vyemera gukurayo inda mu bihe bimwe bimwe (mu gihe habaye ifata ku nguvu, iyo inda ari iy’ikizira ni ukuvuga hagati y’abasangiye amaraso canke iyo ubuzima bw’umuvyeyi bubangamiwe), mu gihugu c‘Uburundi icaha co gukorora inda n’aho umwigeme yoba yafashwe ku nguvu kirahanwa n’itegeko mpanavyaha.

Mu bihugu biba bihitiyemwo intambara, gufata ku nguvu birakunda kwibonekeza, ivyo bigatuma haba ingaruka mbi ku buzima bw’abafashwe ku nguvu n’imiryango yabo. Bimwe mu ngaruka zikunda gushika harimwo gutwara inda zitifujwe, aha tukaba twibaza ibibazo bikurikira : Mbega umwigeme yafashwe ku nguvu arafise uburenganzira bwo gukurayo inda yatwaye?

Amategeko yo mu bihugu vyo muri Afrika arahana icaha co gukorora inda, ariko n’aho biri uko, ibice 90 kw’ijana bazikurayo mu mpisho. Mu cigwa cabaye mu mwaka w’2012, basanze imiriyoni 4 ku mwaka aribo bakurayo inda, abahitanwa n’izo nda bakaba bageraku bihumbi amajana atatu ku mwaka. Nta kintu na kimwe gishobora gutuma umuntu akorora inda, n’aho umwigeme yoba yafashwe ku nguvu, nk’uko bivugwa n’abo mu kigo Seruka. "Gukorora inda bifatwa nk’icaha n’aho iyo nda iba yavuye mu gufatwa ku nguvu." Kubwa Christa Josiane Karirengera asanzwe ajejwe ibikorwa mu kigo Seruka, umwigeme canke umupfasoni yafashwe ku nguvu aba yahahamutse, nta kamaro rero ko guca asongera isibe mu gukorora inda nayo.

Abafashwe ku nguvu birukira gukorora inda ku mvo z’uko abenshi baba batazi se w’umwana. N’aho amategeko abuza icaha co gukorora inda, abigeme bo mu bisagara barazikorora ukuri kwamye, kuko hari abaganga bamwe bamwe babibafashamwo mu kinyegero, kandi bivugwa ko batanga amafranga menshi.

Ariko n’aho kizira gukorora inda mu buryo ubwaribwo bwose, hari ikiringo kimwe gusa cemererwamwo gukurayo inda, ico naco ni mu gihe ari imvo zo kwa muganga. Iyo inda ifise ingaruka mbi ku magara y’umuvyeyi, barashobora kuyikurayo, ariko umuganga wenyene niwe ashobora gufata iyo ngingo, ndetse habanza kuba umurwi w’abaganga biga ico kibazo mu nyuma bagaheza bagafata ingingo.

Christa Josiane Karirengera ahimiriza abanyagihugu mu gihe bashikiwe n’ivyago vyo gufatwa ku nguvu kwitura abaganga imbere y’amasaha 72. Uwo ajejwe ibikorwa mu kigo Seruka ntahakana na gato ko hari abatari bake baba bafashwe ku nguvu basaba gukorora izo nda. Ariko iyo bishitse, mu kigo Seruka baca basaba abajejwe inyifato n’imibano kubafasha bakabaherekeza mu mpanuro hamwe no kwereka nyene gufatwa ku nguvu ingaruka mbi zo gukorora inda.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.