Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’ubuseruko yijukiye kurwanya "Aflatoxin", imigera y’ibiterwa itera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Afrika y’ubuseruko yijukiye kurwanya "Aflatoxin", imigera y’ibiterwa itera (...)

Afrika y’ubuseruko yijukiye kurwanya "Aflatoxin", imigera y’ibiterwa itera indwara

jeudi 6 Ntwarante 2014

Aflatoxin ni uburozi bukorwa n’igiterwa c’ibizinu (champignon) kiri mu kuzimu (mw’isi). Uko ubwo burozi burwira mu kuzimu, niko butandukira ibiterwa. Abantu canke ibikoko bafunguye ivyo biterwa vyandukiwe n’ubwo burozi baca bandukirwa n’indwara ziheza zikabangamira amagara y’abantu, canke y’ibikoko. Ubwo burozi bukorwa n’ivyo biterwa bito bito bwarakwiragiye kw’isi yose, n’akarere ka Afrika y’ubuseruko kadasigaye inyuma. Ni muri iyo ntumbero abahinga bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bari nama i Bujumbura kugira barabire hamwe ingene ubwo burozi bwotuzwa.

Ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko vyigiriye inama yo kuja hamwe kugira bashobore gutuza ubwo burozi bugira ingaruka mbi ku magara y’abantu, bongere barabire hamwe ingene bahingura ibiterwa birimwa kijambere kugira abantu bashobore gufungura ivyimburwa bitandukiwe n’iyo migera. Mu gihugu ca Kenya, mu mwaka w’2004, ibiharuro vyakozwe vyerekanye ko ku bantu amajana atatu, abashika kw’ijana aribo bahitanywe n’indwara batewe n’ivyo bafunguye vyandujwe n’ubwo burozi buvuye mu bizinu. Kugira abarundi bashobore kwirinda ubwo burozi bwa Aflatoxin, Boniface Mwikomo, umwunganirizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ahamagarira abarimyi gukurikiza impanuro bahabwa n’abafundi b’indimo, hamwe n’abajejwe guhingura ibifungurwa bivuye mu biterwa, ivyo navyo bikazofasha gukingira amagara y’abantu. Abarimyi bakurikije izo mpanuro, bazoba bazi ko bimbuye ibimeze neza, kandi babibitse neza, ku buryo iyo migera idashobora gutera abihereje ivyo vyimburwa. Abahinga bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bakoraniye i Bujumbura mu nama y’iminsi ibiri yatanguye kuri uwu wa kane, kugira barabire hamwe ingene botuza iyo migera ituruka ku burozi butewe n’igiterwa c’ibizinu bwandukira n’ibindi biterwa bifungurwa n’abantu n’ibikoko.

Mwomenya ko imigera ya Aflotoxin ishobora gutera kansere y’igitigu

JPEG - 2.1 Mo
Abari bitavye iyo nama y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.