Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ahejeje kubatera umuti usinziriza aca abashurashuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ahejeje kubatera umuti usinziriza aca abashurashuza

Ahejeje kubatera umuti usinziriza aca abashurashuza

jeudi 21 Munyonyo 2013

Umuganga atera imiti isinziriza w’i Toronto yagiriwe, kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo n’icaha co gushurashuza abarwayi 21, ahejeje kubasinziriza kugira ababage (operations chirurgicales).

IKinyamakuru National Post kibwiwe n’umwe mu bakorewe ayo mabi, ko muganga George Doodnaught, yabanza kubakorakora, munyuma akabashurashuza ku nguvu kuko ata nguvu zo kwirwanira baba bafise kubera imiti igabanya ububabare yaba yabanje kubatera. Ako kamaramaza kabereye mu bitaro vy’i Toronto mu gihugu ca Canada, mu barwayi yakiriye hagati y’umwaka wa 2006 na 2010. Abo bagore n’abakobwa bakorewe ayo mabi bavuga ko babikorerwa babona ariko ko batashobora kwirwanira kubera iyo miti (Anesthesie) yaba yabanje kubatera.

Uwuburanira muganga George Doodnaught, yaburana avuga ko ivyo bitoshoboka kuko iyo miti imara umwanya muto mu muntu, ko rero uwo aburanira ico caha atari kugikora muri ako kanya isase. Sentare yamiriye kure iyo myigovyoro y’uwo aburanira George Doodnaught, kuko uwo yagirizwa, amaze imyaka 26 akora ako kazi mu bitaro North York General Hospital, ko rero mu myaka nk’iyo yose amaze kumenya umwanya umuti usinziriza umara mu muntu. Rero ntiyareka kubashurashuza kuko umwanya yarawuzi. Umucamanza McCombs ati : « Yaramenya urugero rw’umuti( niveau d’anesthésie ) kandi yaramenya ko abo bagore badashobora kwirwanira».

Uwuburanira uwo yagirizwa icaha yabandanije asigura ko ivyo ari ivyo abo bagore bishizemwo, McCombs umucamanza yamwamiriye kure kuko abo bakorewe ayo mabi batagiye inama ngo bamwagirize kuko batanazinanye, rero ko batari kurementanya ibintu bimwe.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.