Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro k’amasozi mu jisho ry’umuntu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro k’amasozi mu jisho ry’umuntu

Akamaro k’amasozi mu jisho ry’umuntu

mercredi 30 Gitugutu 2013

Kugira ijisho ry’umuntu ribone, hakenerwa ibitari bike mbere amasozi akaba abifisemwo uruhara ntangere. Amosozi, ni amazi afise akanovera karimwo umunyu, akorwa n’igihimba citwa « Glande lacrymale ». Ijisho ntirigizwe gusa n’ayo mazi kuko hari igihimba c’ijisho gisohora ayandi mazi ashaka kumera nk’amavuta asa n’umuhondo, ayo nayo agakunda kwibonekeza iyo umuntu avyutse. Ayo mosozi niyo aca aja gutafa ku mbonero agahimba gatuma ijisho rikanura « Cornée » kugira agakingire.

Jean Marie Nimenya, umuganga akaba n’umuhinga muvy’amaso, mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru IGIHE ku bijanye n’ivyamaso, yaragize ico avugako ku vyerekeye uruhara rw’amosozi ku kubona kw’ijisho.
Amosozi atuma amaso aguma atotahaye, imbonero y’ijisho ikabona neza, n’amaso agakanura ata ngorane afise. Mu gihe amaso afise ingorane zo gukanura, n’ingohe ntiziheza zikubita neza nk’uko vyategerezwa kumera.

Mu bushakashatsi bwakozwe, umuntu ategerezwa gukubita ingohe incuro 15 ku munota. Ni ukuvuga incuro 450 kw’isaha. Iyo rero bitabaye uko, ingohe zigatangura kugabanya uburyo zakubita, amaso acamera nk’ayahinduye ibara, agasa n’ibara ritukura. Umuntu aca atangura kwumva arushe, ntabe akinashobora gukanura neza, amaso agatangura kujamwo n’imigera. Ivyo navyo akaba ari bimwe mu bimenyetso vy’uko amasozi aba yagabanutse mu jisho.

Amosozi afise ubushobozi bubuza imigera iyariyo yose yinjira mu jisho. N’iyo hagize icinjira aca agisohora. Akarorero ni igihe hagize umusenyi canke akandi kantu gato kinjira mu jisho, amasozi aca aza, agasohokana n’ico kiba cinjiye mu jisho.
Kubwa muganga Jean Marie Nimenya, kugira imbonero y’ijisho ribone neza, n’ingohe zikubite incuro zagenewe gukubita, ijisho ritegerezwa kuba ritotahaye. Itotahara naryo ry’ijisho rikaba risaba uruhara rw’amasozi.

Amosozi ashobora guterwa n’ibintu bitandukanye. Hari ibigumagumba vy’umunezero, vy’umubabaro, umuyaga, ivumbi, imyotsi canke nk’indwara zo mu mazuru nka grippe canke inkorora.
Kugubita kw’ingohe hamwe n’amosozi, ni ibintu bibiri vyoza amaso. Amosozi akora kandi nk’umuti haba ku maso canke mu mubiri w’umuntu muri rusangi. Mu matohozwa yakozwe n’abahinga, bivugwa y’uko iyo umuntu afise umubabaro muriwe, amasozi aramukiza, kuko iyo ayasohoye mu kurira, aca yumva aruhutse muriwe.
Kubivurwa ko amazi y’ibitunguru yoza amaso, muganga Nimenya yaratanze umuco avuga ko ivyo bitaremezwa neza mu buhinga buraba ivy’ubuvuzi. "Ku bisanzwe, amazi y’ibitunguru afise amazi akaze, iyo agiye mu maso, aca atuma amasozi y’ijisho nayo asohoka, ivyo navyo bigashobora kugabanya amasozi y’ijisho."

Amosozi y’ijisho agabanurwa n’imyaka umuntu aba afise.

Uko imyaka iba myinshi, niko n’igihinba gikora amosozi hagera igihe kirwara, kigaca gitangura no kurekura amosozi make. Abakarirwa cane akaba ari abakenyezi.
Mu mpanuro zagiye ziratangwa n’abahinga muvy’amaso, harimwo na muganga Nimenya wo mu Burundi, kugira amosozi ntagabanuke, umuntu yokwirinda ivyo vyose vyomutuma agabanuka, nk’akarorero kwirinda kwitega imiyaga, imyotsi, ivumbi, n’ibindi bisa nivyo. Kugira kandi amaso ntaruhe n’ingoga mu gukanura, yokwirinda kwitega umuco urengeje urugero.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.