Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro ko gufungura mu gatondo ku bana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko gufungura mu gatondo ku bana

Akamaro ko gufungura mu gatondo ku bana

mardi 19 Ntwarante 2013

Imfungurwa zo mu gatongo ni nkenerwa

Imfungurwa zo mu gatondo ngo ni imfungurwa zifise akamaro kanini ariko kenshi zitaboneka canke zidatangwa uko bikwiye ku bana.

Abana bavyuste mu gatondo barakeneye ko umubiri wabo wuzuzwa “igitoro”kugira bagume umunsi wose bamerewe neza; ivyo bigatuma ukwisinzirirako iyo hageze isaha zine canke zitanu bitahaba, bikanatuma umwana akurikira neza mw’ishure.

Uretse ubukene, ni iizihe mvo zituma abantu benshi birengagiza izo mfungurwa?

Imvo nyinshi zitangwa n’abana canke n’abavyeyi aho abenshi basigura ko bavyibagira

Ng’izi imvo nyamukuru bivako:

kubura umwanya

kubura akayabagu

*Ubugaba bw’abavyeyi rimwe na rimwe

Ibintu bimwe bimwe vyotuma habaho ihinduka :

kwishiramwo ko gufungura mu gatondo ari nkenerwa ugaca utora inyishu ibereye ku mwana, iyariyo yose kugira uwo mwanya wo gufungura mu gatondo uboneke.

*gutegura imeza ku mugoroba imbere yo kuja kuryama iriko ibintu biryoshe

*kugurira umwana ivyo afungurirako biriko uducapo duteye igomwe

*kunwa umutobe(jus) imbere yo gufungura kugira uronke akayabagu

*Ukuza urahindura ivyo ufungura

*Gutegura akanya gato (gufata umwanya muto nk’iminota 10 imbere yo kuja ku mirimo ya minsi yose )

*ku mwana aja kw’ishure;gutegura isakoshi yiwe kare

Imfungurwa zo mu gatondo ni nkenerwa ku bana co kimwe na ku bakuze, zitegerezwa kuba zirimwo vya nkenerwa ku mubir iw’umuntu.

Ni iki umuntu yofata mu gatondo?

*Kwigerera ibintu birimwo isukari nk’ubuki abantu benshi bakunda gusiga ku mukate

*kwihereza ibifungurwa bigufasha gushikana isaha zitandatu nk’ingano, ibigori, isoya n’ibindi

*Ushobora kwongerako amavuta (beurre) arimwo vitame A

*Ugategura nk’amata,iforomaji kuko bituma amagufa akomera

*Ukanwa kandi kinyobwa gikanye canke gshushe

*Ukanarya icamwa kubera umubiri ukeneye vitamine C


Keza Alexandrine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.