Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro ko kwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko kwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze

Akamaro ko kwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze

mardi 10 Kigarama 2013

Kwinonora imitsi biri mu bituma imitsi inonoka mbere n’uduhimba dutwara amaraso mu mubiri tugakora neza ata ntambanyi zihabaye. Abashakashatsi b’i Montreal bakaba baranerekanye ingaruka nziza zivuye ku kwinonora imitsi iminsi yose ku bakenyezi bibungenze.

Mu bushakashatsi bwakorewe ku bitaro vyitiriwe Justine Mweranda no mu gisata c’ubuvuzi co kuri kaminuza y’i Montreal, barerekanye ukungene umukenyezi yibungenze yama yinonora imitsi iminsi yose bituma ubwonko bw’umwana burushirizaho gukora neza. Ivyo navyo bikaba bisaba gusa kwinonora imitsi nka gatatu ku ndwi ku minota 20 ku munsi.

Nk’uko bisigurwa n’abahinga nka Dave Ellemberg, Daniel Curnier na Elise Labonté-LeMoyne batanze icirwa ku ngaruka nziza zivuye ku kwinonora imitsi, iyo umukenyezi yinonoye imitsi iminsi yose, kuko bituma ubwonko bw’umwana ari mu nda bukurana amagara meza.
N’abakirizi mu kuvyaza abakanyezi baremeza ko kwinonora imitsi ku mukenyezi bifasha muri vyinshi, haba kuri we canke ku mwana aba yibungenze. Ku mwana bituma akurana amagara meza, ku muvyeyi naho biramufasha kuvyara bitagoranye na cane cane ko umukenyezi mu kuvyara bimusaba gusohora impwemu nyinshi.

Kubwa Curnier, umwe mu bahinga batanze icirwa ku ngaruka nziza z’ukwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze, mu kwinonora imitsi kw’umukenyezi mu gihe yibungenze, bimumenyereza kwama ahema bitagoranye gushika yibaruke. N’inyuma yo kwibaruka, uwo mukenyezi akira ningonga.

Mwomenya ko ivyigwa bisigura ubwo bushakashatsi bwakozwe ku bakenyezi babiri bafise imbanyi y’amezi atandatu, umwe yibungenze atagira imyenyerezo n’uwundi asanzwe ayigira. LeMoyne ari mubagize ico ciirwa amenyesha ko muri ubwo bushakashatsi, basanze uwo atagira imyimenyerezo agira ingorane zo guhumeka ashikana, mu gihe uwo wundi yama ayigira afise umutima utera neza, mbere n’ubwonko bw’umwana wiwe bugakora nk’uko bisabwa n’amategeko muvy’ubuvuzi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.