Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro n’ingaruka z’icamwa c’ipapayi ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro n’ingaruka z’icamwa c’ipapayi ku magara y’abantu

Akamaro n’ingaruka z’icamwa c’ipapayi ku magara y’abantu

mardi 6 Rusama 2014

Mu vyirwa vyakozwe ku camwa c’ipapayi, abakoze ubushakashatsi basanze ico camwa gifise ivyunyunyu murico bivura indwara zitari nke mu mubiri w’umuntu, kigafasha kandi kwirinda ubusaza.

Ipapayi, ni icamwa gifise amamuko mu gihugu ca Mexique, kikaba catowe mu kinjana ca 16 n’abashakashatsi bakomoka mu bihugu vya buraya bo mu gihugu ca Antilles. Caciye kijanwa guterwa mu gihugu ca Philippines no muri Malaiziya mu nyuma kirakwiragizwa mu mugabane wa Aziya yose no mu mpera z’isi.
Icamwa c’ipapayi gifise imbuto z’intete murico zishobora kuvura indwara bita "infection urinaire" mu gihe uwufise iyo ndwara yariye izo ntete mu kiringo c’indwi canke indwi zibiri. Umwotsi w’amababi yaco yumye yokejwe nawo, ugafasha abafise indwara ya hasima.

Abanonosoye ibijanye no gufungura neza, bavuga ko ico camwa gifise akamaro kadasanzwe ku magara y’umuntu haba mu kugifungura canke mu kugikoresha mu bundi buryo. Nk’akarorero, iyo umuntu yahiye, ashobora gufata arya mata aba yavuye mw’ipapayi itarera neza akaza arayogesha aho yahiye. Abafise ingorane zo mu mano zifata abantu bakunda kwambara ibirato bipfunganye (micose), amazi y’ipapayi yapimwe ku mama ashika kw’icumi yavanzwe n’amavuta yahinguwe mu biterwa arakiza mu gihe yasizwe ahaba harwaye.
Igiterwa c’ipapayi gifise kandi murico ivyunyunyu vya A,B,C, potasium, calicium, hamwe na magnesium bituma amagara y’umuntu atotahara gusumba.

Zimwe mu ngaruka nziza ku magara y’abantu ziterwa n’ivyunyunyu dusanga mw’ipapayi, hari ukugira amaso meza, gukinga uruhunyi, kutibagira kenshi, kugabanya iminkanyari mu maso, uburuhe bwo mu mutwe no mu mubiri, hamwe n’ugucika inkokora. Ipapaye ituma kandi umuntu aguma akeye mu maso, agira imishitsi ikura neza, igakinga indwara y’igisukari, kanseri yo mu kanawa, igafasha no gukwiragiza imfungurwa ntanganguvu kugira umubiri ushobore kuronka inguvu ukenera mu gukora.

Abashakashatsi bavuga kandi ko icamwa c’ipapayi gifasha ku bagore no ku bagabo kurangurana inkomezi n’umunezero amabanga mpuzabitsina. Kubakomeretse nabo, iyo umuntu agumye afungura icamwa c’ipapayi, igikomere gikira ningoga. Iragabanya kandi ibinure ku bafise ingorane z’umutima n’imirindi y’amaraso, hamwe n’abafise ingorane zo kutaronka itiro, mu kugabanya uburuhe baba bafise.

Mwomenya ko igihugu ca Brézil arico gihugu kw’isi ca mbere kirima igiterwa c’ipapayi, hagakurikira igihugu ca Nigeriya, ubwa gatatu hakaza igihugu ca Mexique.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.