Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ALSD risaba HCR gufata mu minwe ikibazo c’abanyeshure ba kaminuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > ALSD risaba HCR gufata mu minwe ikibazo c’abanyeshure ba kaminuza

ALSD risaba HCR gufata mu minwe ikibazo c’abanyeshure ba kaminuza

lundi 4 Rusama 2015, par IGIHE

Ishirahamwe ALSD risaba HCR gukurikirana hagufi ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi, bashagaje imbere y’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe bwa Amerika hano mu Burundi.

JPEG - 88.9 ko
abanyeshure ba kaminuza y’uburundi bagandagaje imbere y’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi

Ishirahamwe ALSD(Association de Lutte pour la Santé et le Développement ) riharanira amagara meza n’iterambere rusangi, rirarajwe ishinga n’ubuzima abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi babayemwo, bagiye gusaba ubuhungiro imbere y’inyubakwa y’ubuserukizi bw’ Amerika mu Burundi, kuko bashobora kuhandurira indwara ziturutse kw’isuku rike, imbeho , n’imvura, bishikirizwa na Thérence Hatungimana . Iryo shirahamwe risaba ishirahamwe ryitaho impunzi HCR gukurikirana hafi ikibazo kijanye n’ubuzima bwabo banyeshure. Iryo shirahamwe risaba Reta zunzubumwe z’ Amerika gufasha kugira bakingirwe umutekano, bashobore kuronka ubuhungiro kuko abari bakwiye kubakingira ata vyo bashoboye nk’uko bishikirizwa na Thérence Hatungimana arongoye iryo shirahamwe.

Tubibutse ko abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ibigo vyose ,birukanywe n’ingingo ya Reta yashikirijwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore. Inyuma yaho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baciye batumbera ubuserukizi bw’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika hano mu Burundi , maze ubwo nabwo bubemerera kuguma imbere y’ubwo buserukizi, mu gihe boguma batekanye. Ubwo buserukizi bukaba bwasavye Reta y’uburundi kuraba ingene yotorera inyishu ico kibazo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.