IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Amabarabara RN 11 Kinyinya-Gisuru na RN 20 Ruyigi-Gisuru agiye (...)

Amabarabara RN 11 Kinyinya-Gisuru na RN 20 Ruyigi-Gisuru agiye gusanurwa

vendredi 18 Nzero 2013

Umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya baratanguje ibikorwa vyo gusanura amabarabara RN 11 ahuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza Ruyigi na Gisuru.

Hari kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2013 aho umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya batanguza ibikorwa vyo gusanura amabarabara abiri rimwe RN 11 rihuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza Ruyigi na Gisuru.

Uburyo buzokoreshwa muri ivyo bikorwa bizokorwa n’ishirahamwe BERCO bukaba bwatanzwe n’ishirahamwe ryubumwe bwa buraya. Amafaranga akenewe mw’isanurwa ry’ibarabara Kinyinya-Gisuru bukaba bungana n’imiriyaridi 900 z’amafaranga y’amarundi mu gihe ibarabara Ruyigi-Gisuru rizotwara umuriyaridi umwe n’imiriyoni amajana ane mu mafaranga y’amarundi.

Twobamenyeshako ivyo bikorwa bizotwara ikiringo c’amezi cumi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.