Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabi y’itabi ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amabi y’itabi ku magara y’abantu

Amabi y’itabi ku magara y’abantu

lundi 14 Nzero 2013

Itabi n’aho abantu benshi barikunda rirafise ingaruka mbi zidasanzwe ku barinywa no kubegereye uwuba ariko aranywa iryo tabi.Ivyo bikaba vyemezwa n’abaganga.

Ingaruka mbi yambere nuko umuntu amaze igihe kirekire anywa itabi bimugora cane kuriheba kuko aca yunva ko hari ikintu kinini abuze mu mubiri wiwe,kandi ivyigwa vyakozwe n’abahinga vyerekana ko itabi ritera andwara nyinshi cane izikomeye murizo akaba ari cancer yo mu mahaha,indwara z’umutima n,izifatira mu mitsi.

Nico gituma bikwiye ko hofatwa ingingo zoshobora gufasha abantu kugabanya kunywa itabi abo bikundiye nabo bakariheba.Wihweje no ku matabi baravyandikako ko ryica,
« fumer tue».Itabi rero ngo abarinywa benshi n’urwaruka ruri hagati y’imyaka 12 na 20 naho n’abakuze barenza iyo myaka nabo nyene barinywa,iyvigwa vyakozwe vyerekana ko urwaruka arirwo rugeramiwe kuruta abandi.

Hamwe hamwe baragiye barafata ingingo zo gukingira abantu nko kubuza ku nywera itabi ahantu hahurira abantu benshi,ari mu miduga yunguruza abantu,mu biro bitandukanye ,ariko ngo ivyo ntibikwiye kuko abantu babandanya gupfa kubera itabi.
Ariko biracagoye ko abantu baheba kunywa itabi kuko amashirahamwe ahingura itabi usanga ara mu bihugu bikomeye kw’isi kandi , akaba ateza imbere n’ubutunzi bw’ivyo bihugu nk’ayandi ma shirahamwe y’ubudandaji.

Mu kurindira ico korwa uwubishoboye yo kwirinda kunywa itabi kandi akirinda no kuguma aho bariho bararinywa kuko naho aba atarinyoye umwotsi wa ryo ushobora ku mushikira.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.