Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafungo "Ramadan", umugenzo udasanzwe mw’idini rya Islamu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Amafungo "Ramadan", umugenzo udasanzwe mw’idini rya Islamu

Amafungo "Ramadan", umugenzo udasanzwe mw’idini rya Islamu

lundi 30 Ruheshi 2014

Ku miriyoni zirenga 10 z’abarundi, abaharurwa ku bice 60 kw’ijana ni abasengera mw’idini rya katorika. Ibice 30 kw’ijana ni abemera Imana mu bundi buryo butandukanye, hamwe n’ibice 10 kw’ijana vy’aba islamu bagera ku 1288000.
Ayo madini yose agira imigenzo n’amabwirizwa ategerezwa gukurikiza. Mw’idini rya islamu, kugira amafungo akaba ari kimwe mu migenzo yubahwa cane.

Ukugira amafungo akaba ari umugenzo wama ukorwa uko umwaka utashe kubahurikiye mw’idini rya islamu mu ntumbero yo kwiyegereza gose Imana yabo « Allah ». Uko kwezi kw’amafungo kwitiriwe « Ramadan », ni uburyo bwashinzwe mw’idini rya islamu bwo kwibuka ibikorwa vy’intumwa Mahomed.

Mu kwezi kw’amafungo kwa Ramadan, abari mw’idini rya Islamu bahamagarirwa kwisonzesha no gusenga kugira barushirizeho kwegera Imana "Allah" kurusha uko bahora babikora. Intumbero y’uko kwisonzesha, akaba kandi ari ugukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba. Ibindi bikorwa navyo basabwe gukora, n’ugufasha abagowe no kwitaho abarwaye.

Mu Burundi, uwo mugenzo wo kwisonzesha urakurikizwa kubari mw’idini bose rya Islamu. Abari mu muryango w’aba islamu mu Burundi COMIBU, biciye ku murongozi wabo, basavye aba islamu bose bo mu Burundi kwifadikanya hamwe n’abandi mu kwisonzesha no gusenga.

Mwomenya ko ukwezi kwa Ramadan kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, uko kwezi kwo kwisonzesha kukavana n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko kumu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.