Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakungu arahimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amakungu arahimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela

Amakungu arahimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela

vendredi 18 Mukakaro 2014

Isi nzima irahimbaza umunsi mpuzamakungu Nelson Mandela , kuri uno wa 18 Mukakaro umunsi uhura n’italiki y’amavuko yiwe.

Mu gisagara ca Bujumbura ,ibikorwa bitandukanyevyo kwibuka uwo muhisi Nelson Mandela biza kubera mu kigo c’urwaruka ca kamenge . Ikigo BNUB hamwe n’ubuserukizi bwa Republika y’epfo mu Burundi baza gufatanya hamwe n’Uburundi mu kwibuka uwo muhisi , amezi make gusa inyuma y’urupfu rwiwe.

Nelson Mandela akaba yamaze imyaka 67 ariko yitangira abandi ,ari umushingwamanza adasanzwe mu vy’amategeko . Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikaba ryifatanya n’ikigo ca nelson Mandela risaba isi nzima gufata iminota 67 yo kwibuka imyaka 67 yamaze ariko afasha abandi , mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi wamugenewe.

Nelson Rolihalahla Mandela ,izina Ry’ubuhizi Madiba ,yavutse kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 1918 i Mvezo ,yitavye imana igenekerezo rya 5 Kigarama umwaka w’2013 i Johannesbourg . Nelson Mandela yarongoye abagore batatu Graca Machel babana kuva mu mwaka w’1998 gushika umwaka w’2013 , Winnie Mandela kuva mu mwaka w’1958 gushika mu mwaka w’1996 hamwe na Evelyn Ntoko kuva mu mwaka w’1944 gushika mu mwaka w’1958. Nelson Mandela yibarutse abana batanu Makaziwe Mandela , Zenani Mandela , Makgatho Mandela , Madiba Thembekile Mandela, Zindziswa Mandela. Uwo muhisi Mandela akaba yaranditse n’ibitabu bitari bike vyiyamiriza intwaro ya karyanisha miryango.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.