Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gukora ibishoboka kugira batorere ibibazo bihanze Uburundi hamwe no kuzokwitaba ibiganiro bigira gatanu bitegekanijwe mu misi irimbere.
Poritike
-
Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gutorera hamwe ibibazo vy’igihugu
13 September 2018, by vianney -
Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka
26 juin 2018Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI washikirije icegaranyo c’ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018. Ico cegeranyo cashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE ari kumwe n’abandi bagize umurwi.
-
Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro i Arusha
18 juin 2018Inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ashize umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, umugambwe CNDD-FDD usaba umuhuza w’abarundi ko yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba.
-
Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
15 juin 2018Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko abanywanyi b’uwo mugambwe bakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije I Bugendana kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, igihe yashira umukono kw’Ibwirizwa shingiro rishasha abarundi bari biyemereje icese kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ari ijambo rugabo riza ryerekana ubutwari, rigashimangira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.
-
Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa nshingiro rishasha
12 juin 2018Umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka, bamenyesha ko hisunzwe ibwirizwa nshingiro ryo kuwa 7 Ruheshi 2018, mu ngingo zaryo za 179 na 190 izo nzego zinjiye mu bikorwa bisanzwe vy’ukwezi kwa kane bizohera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018.
-
Sahwanya FRODEBU ivuga ko yakiriye neza ijambo ry’umukuru w’igihugu
8 June 2018, by vianneyUmugambwe Sahwanya FRODEBU umenyesha ko wakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashikirije inyuma yaho yarahejeje gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Muri Sahwanya FRODEBU bavuga ko ari intambwe ituma ibibazo bimwe bimwe bitorerwa umuti.
-
Parcem ivuga ko ibiganiro hamwe n’intwaro ishingiye kuri kazoza arivyo muti w’ibibazo mu gihugu
7 June 2018, by Jean De DieuIshirahamwe ryishinje gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako ibiganiro, intwaro ishingiye kuri kazoza hamwe no gukunda igihugu bikiri umushinge kugira ingorane zihanze igihugu zitorerwe umuti.
-
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha
7 June 2018, by Jean De DieuUmukuru w’igihugu ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Abanyagihugu benshi bahuriye muri komine Bugendana kugira bumvirize ijambo bashikirizwa n’umukuru w’igihugu. Abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi bitavyev ivyo birorI
-
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga
6 juin 2018Komite nkuru y’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE wahagaritse mu mabanga David NIYONCUNGU yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe. Kefa NIBIZI arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko mu vyatumye ahagarikwa mu mabanga, ar’uko atarangura neza amabanga ashinzwe.
-
Imigambwe ntiyakiriye kumwe iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro
1er juin 2018Bamwe mu barongozi b’imigambwe barashima iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro abandi nabo bakamenyesha ko ata gitangaje kirimwo ivyashikirijwe arivyo vyari vyitezwe.