IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro (...)

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha

Thursday 7 June 2018, by Jean De Dieu

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha kuruno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018 ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.

Inyuma yo gushira umukono kuriryo bwirizwa nshingiro rishasha bitegekanijwe ko ibirori bica bibandaniriza muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega aho vyitezwe ko umukuru w’igihugu aca ashikiriza ijambo abarundi yongere abashikirize iryo bwirizwa nshingiro rishasha.


IGIHE

Forum posts

  • uyumunsi abarundi insinzi ntibazowibagira kubona uwarashizwe kuragirintama ariwe azimariye mumanga. iyitariki 7 /6 /2018 niho amasezerano y’ arusha asenyutse igisigaye ni kuyagwanira muburyo bonse bushoboka .

  • Nibaze yuko iryo bwirizwa nshingiro ryashizweko umukono zica rituma na ya nama ya COMESA ica igarukanwa i Bujumbura kuko Abarundi tuzohahombera vyinshi.

  • Biratubaje Mugabo Kandi Ikitunezereje Niko Usize Weretse Abarundi Aho Umwansi Wiguhugu Atumbereye " Abazogusubirira Tubasabe Ntibazosamare

  • Mu bihugu vyose ibintu birahinduka. Ndibaza ko abarundi ari abantu bakuze bazi ikibabereye n’ikitababereye.
    Kuvuga ko amasezerano ya Arusha ahambwe mbona ari gushikuza kuko ni vyiza kujana n’ibihe bihinduka ntitwame hahandi.N’igisabisho dawe sa twese hari ivyo baherutse guhinduramwo.
    Kandi ntimwihende n’iryo tegeko shingiro rihagiye nivyaba ngombwa rizohinduka n’uko bimeze
    hose.

  • Imana Yo Mushoboravyose Niyizi Ico Yateguriye Twebwe Abarundi.Nanje Nti Niwirambire Mutama Kandi Ngo Ntaguheka Uwutisimbiza.

  • KUVUBU UBURUNDI BUGIYE KUBA BUSHASHA LOI NI LOI UMUGABO YIHINDUKIZA MUKIRAGO... HAMA NAHO TWOGWANA GUTE INTEBE YUMUKURU WIGIHUGU NIMWE NTIYODUKWIRA UBU UMWUMWE WES YIRONDERERE UKUBAHO AKAZI KA LETA NIGAKE NTAMESHI NVUZE

  • Uburundi burogoroye. Imana ituzigamire abaturongoye

  • Nukuri ndanezerewe nijambo wavuze kandi ndongeye kugarura urukundo nagukunda imbere ya 2015.

  • Erega Uburundi ntimusa mare kuko urwanda nUbuganda bushakako Uburundi buva muri francophone buje muri commonwealth rero Uburundi muhabere magabo kuko ivyo bihugu vyose ntivyishimira Uburundi butwarwa numuhutu vyipfuzako bwotwarwa numututsi hama umuhutu a kabura ivugiro mukarere.Nagomba mpanure abahutu nka rwasa na minani na Jeremy nabandi bibuke kandi bibabere icirwa I vyabaye murwanda ntivyagize abahutu vyagize abatutsi ubu bavyagirije inzirakarengane zabahutu. rero barundi barundikazi rwaruka rwuburundi mwirinde basesa nkuyoze

  • Twebwe nkabarundi turakengurutse kubona wemeye gutanga atagahato.Ico nsaba uturonderere uyundi mugabo wijunja n’ijambo nka Wewe.

  • Mutama Nah Ugiy Uraduhevye Ntawundi Mukuru Wigihugu Tuzoronka Ameze Neza Nkaw Atigungirako Yamana Nabene Gihugu Mubuzi Butandukanye.Ntawuhari.Abahar Nabo Nibamw Bopfukama Uburundi Munda.Arik Imana Iratubona .Imana Ibandany Ikuzigamira Umuryango.

  • NUKURI NKURUNZIZA PIERRE NI SEBARUNDI.NTARYO YO VUMERA NGO TWEBWE BENEGIHUGU TWANKE. AHUBWO AMAHORO UBUMWE UBUTUNGANE NI TERAMBERE RIRAMA ,TURIMWO BIBANDANYE .HAMA TWESE BENEGIHUGU TWIGUMIRE MURI PARADIZO.MURAKOZE.

  • Andika hano Nyakubahwa Petero Nkurunziza Urumugabo Sebarundi Abo Bavugango Wari Wabazingamiyeko Ni Abadakunda Uburundi Nabarundi Nabashima Icubahirogusa Badashima Ko Uburundi Nabarundi Kobatera Imbere Imana Ibababarire Numutimawabo Mubi Imana Ikwiye Kubahindura

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.