Umurwi wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko ikiringo co gutora amakarata y’itora congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018.
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > MainSlideNews
MainSlideNews
Articles
-
Umurwi CENI wongereje ikiringo co gutora amarakata y’itora
14 mai 2018 -
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashizeho umurwi w’amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda
14 mai 2018Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, amenyesha ko bashizeho umurwi wo gutohoza abakoze ubwicanyi bwabereye ku mutumba ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, ababafashije hamwe n’ababatumye. Sylvestre NYANDWI avuga ko uwo murwi wahawe ikiringo c’ukwezi kumwe, kugira ngo uzobe washikanye iyo dosiye imbere ya sentare.
-
Abanyagihugu batanguye gutora amakarata aranga uwutora
9 mai 2018Kuva kur’no wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro batanguye gutora amakarata y’itora aho biyandikishirije. Mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati, ico gikorwa catanguye.
-
’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo yacu’’
8 mai 2018Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka Agathon RWASA, avuga ko umurwi w’abantu wagiye ahabona ukavuga ko userukira Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi utazwi mu runani arongoye. Agasaba umukuru w’umurwi utegura amatora CENI gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko, mu guhagarika ico cose kiriko gihungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi mu gihugu cose.
-
Ekereziya Gatorika y’Uburundi yumvikanye ku ntererano y’amatora yatanze
4 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANAN’aho abamenyeshamakuru batatumweko nk’uko vyari bimenyerewe ku yindi mirwi y’abatanze intererano y’amatora, amakuru dufise avuga ko Ekereziya Gatorika y’Uburundi yatanze mu ndwi iheze intererano y’amatora ingana n’amafaranga imiriyoni umunani z’amarundi.
-
’’ Mu gihe c’amatora hamye havugwa ibihuha’’-Pierre NKURIKIYE
9 mai 2018Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umtekano no gukinga ibiza, amenyesha ko amakuru amaze iminsi avuga ko hari abantu biba abana ari ibihuha vyama bizanana n’amatora, mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu. Pierre NKURIKIYE asaba ko uwozimiza umwana wese yoca yitura abajejwe umutekano kugira bamufashe kurondera umwana yazimiye.
-
Abatware basabwa kwubahiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga imyiyamamazo
7 mai 2018Umushingamateka Pierre Célestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi asaba abatware kuva ku nzego zo hasi kwubahiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu rihamagarira abantu kugira imyiyamamazo, kuko ritomora neza ko abantu bose baba abigisha gutora EGO canke abigisha gutora OYA bategerezwa kwubahirizwa.
-
Ibiharuro mfatakinza : Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, Oya ku majwi 19,6 kw’ijana
18 mai 2018Inyuma y’ibiharuro vyatororokanijwe mu ntara zose vyerekana ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ibiharuro vy’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana, mu ntara 18 zigize igihugu.
-
Umurwi CENI wasohoye ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro
21 mai 2018Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI washize ahabona ibiharuri mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kuwa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018. Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, yavuze ko mu gihugu cose, Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana.
-
Cibitoke : Abantu 26 baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
12 mai 2018Abantu 26 nibo bitavye Imana, abandi 7 barakomereka mw ‘ijoro ryo kur’uno wa gatanu igenekerezo ray 11 Rusama 2018, mu gitero c’abantu bitwaje inkoho n’imipanga cabereye ku mutumba Ruhagarika, wa komine Buganda, intara ya Cibitoke.