IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora vyatanguye kuja (...)

Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora vyatanguye kuja ahabona

vendredi 18 mai 2018

Mu ntara 18 zigize igihugu, ibiharuro mfatakibanza bimaze kuboneka, n’uko mu makomine agize intara zitandukanye Ego yatowe ku majwi aza imbere y’amajwi ya Oya.

Nko mu gisagara ca Bujumbura bimeze uku : EGO : 53,09% OYA : 44%

Mu ntara ya Bururi bimeze uku : EGO:51,96% OYA : 33,39%

Mu ntara ya Muyinga bimeze uku : EGO :79,08%, OYA :10,67%

Mu makomine atandukanye, abajejwe gutunganya amatora bamenyesheje ko bagize ikibazo co kwiyunguruza, aho imodoka zagira ibibazo, ahandi naho amabarabara kubera atameze neza bigatuma ibikoresho bigorana gushika ku biro vy’imirwi itegura amatora mu makomine.

inyuma y’amatora, Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko ibitagenze neza mu matora vyabaye bike cane, kandi ata kinini bishobora guhindura ku bizova mu matora.

Mwomenya ko ayo matora y’ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane, yatanguye isaha icumi na zibiri z’igitondo, arangira isaha icumi z’umugoroba.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • twifurije abaashinga ntahe guhitamo neza murakoze

  • Imana yaraye ibikoze twikurako abazungu turikukira burundu mu hutegura amatora mu mahoro n’umutekano ntangere. Ivyo twaraye dukoze vyerekanye ubutwari bw’abarundi mu kwitunganiriza ivyabo nakare akimuhana kaza imvura ihise. Ego yatsinze, abarundi ni muze twubakire hamwe igihugu. Mukomere mwese.

  • Andika hanokuvyukuri.ibivuye.mumatora nivyo twashaka kuko turikukiye.ubwambere kumpamvu y uko ivyotwahora dufise vyarivyo abazungu baduhaye none.twabasubije.ivyabo ubutwinjiye inzu nshasha.yacu twiyubakiye.burundi ooooye

  • Vyagenzeneza,turashimwe,mugabobongereze,umutekano,abantu,ntibazebari,ncwankihene

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.