Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwahoze mu gisirikare c’Uburundi yiyemerera ko ari mu bari begereye umwigeme Zebiya, akaba no mu bajejwe umutekano wiwe. Jimmy NEMEYIMANA yemeza ko Zebiya atakibarizwa muri kano karere ka Afrika y’Ubuseruko, ahubwo ko ageze mu gihugu ca Australiya.
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > HomeIrambuye
HomeIrambuye
Articles
-
Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu ca Australiya
16 avril 2018 -
Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
15 juin 2018Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko abanywanyi b’uwo mugambwe bakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije I Bugendana kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, igihe yashira umukono kw’Ibwirizwa shingiro rishasha abarundi bari biyemereje icese kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ari ijambo rugabo riza ryerekana ubutwari, rigashimangira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.
-
Général-major Jérémie Ntiranyibagira n’abandi batatu barongoye umuhari FPB bafashwe
23 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAAbategetsi bane bo mu muhari FPB (Forces Populaires du Burundi) urwanya Reta y’Uburundi bafashwe kuri uwu w’Imana. Muri abo bafashwe harimwo Général-major Jérémie Ntiranyibagira umukuru w’uwo muhari, hamwe na Lieutenant-Colonel Édouard Nshimirimana icegera ciwe.
-
Uwurongoye komine Nyabikere apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba
5 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANALéonidas Nakumuryango, Musitanyeri wa komine Nyabikere, intara ya Karusi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Imbere y’ukumanukanwa gupfungirwa i Bujumbura, uwo arongoye komine Nyabikere yabanje gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, aho yashitse ku munsi wa gatatu w’indwi iheze.
-
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje urugendo rw’urumuri rw’amahoro
5 September 2018, by vianneyUmukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje k’umugaragaro kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 urugendo rw’urumuri rw’amahoro igice ca cumi na kabiri umwaka wa 2018 muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega.
-
Umunyarwandakazi NKOMEZA Christine yirukanwe mu Burundi
18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAUmunyarwandakazi azwi kw’izina rya NKOMEZA Christine yirukanwe ku butaka bw’Uburundi, kw’itegekeo nomero 500 ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018. Uwo munyarwandakazi yahawe amasaha 48 (iminsi ibiri) kugira ntazobe akibarizwa mu Burundi.
-
Ngozi : Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abishe igisongerezi mu giporisi
8 janvier 2018Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cahagaritse uwagirizwa kwica umuporisi wo ku rwego rw’igisongerezi mu ntara ya Ngozi. Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko n’abakoze ubwicanyi i Kobero mu ntara ya Muyinga, bwahitanye abantu babiri bahagaritswe.
-
Itegeko rigenga ingoma mu Burundi ntirivugwako rumwe n’abo ryega
21 novembre 2017Umushikiranganji w’urwaruka,inkino n’imico kama amenyesha ko itegeko rigenga ingoma riheruka guterwako umukono n’umukuru w’igihugu atari amananiza. Ku ruhande rw’abatimbo, bamwe bemeza ko iryo tegeko ari ngirakamaro, abandi bakavuga ko rije gutuma badassubira kumenyekana.
-
Imyaka icenda iraheze abagandaguye Ernest MANIRUMVA bataramenyekana
9 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAImyaka icenda yakwiye kuri uwu wa mbere Ernest MANIRUMVA yahora ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandaguwe bunyamaswa. Mw’ishirahamwe ryiwe bavuga ko gushika n’ubu bagisaba ko ubutungane bw’Uburundi bwokorera ku biri mu vyegeranyo bibiri nyene vyakozwe n’imirwi itandukanye yakoze amatohoza
-
Urunani ASSUR ruvuga ko rugiye gutunganya inama yo kuduza umwimbu w’amashirahamwe yarwo
8 October 2018, by vianneyUrunani rw’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha mu gihe c’impanuka ASSUR(Association des Societes d’assurance du Burundi) rugiye gutunganya inama ya mbere rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ico gisata mu ntumbero yo kuduza umwimbu w’ayo mashirahamwe.