IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntibuzosubira kurungika abaja kwiga muri bimwe mu bihugu vya (...)

Uburundi ntibuzosubira kurungika abaja kwiga muri bimwe mu bihugu vya Buraya na Amerika

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’umwiherero w’iminsi ibiri w’abagize Reta y’Uburundi wabereye muri iyi ndwi mu ntara ya Gitega, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yamenyesheje ko bimwe mu vyizwe harimwo ico kibazo c’Abarundi baba barungitswe kwiga mu mahanga ariko ntibagaruke mu Burundi. Muri Reta bamenyesha ko ivyo bihugu bikora ivyo mu ntumbero y’uguhungabanya Uburundi.

Firipo NZOBONARIBA avuga ko ibisata bibangamiwe mu kwibwa incabwenge z’Abarundi ari igisata c’amagara y’abantu, igisirikare hamwe n’igiporisi. Ibihugu navyo bimaze kugaragara ko arivyo bigumana Abarundi baba babirungitswemwo ni Ubufaransa, Ububirigi hamwe na Amerika. Ingingo Reta y’Uburundi yafashe akaba ari iy’uko ata murundi azosubira kurungikwa kwiga muri ivyo bihugu.

"Hari ibihugu bimwe bimwe biba bimaze kubona ko uwo muntu ari incabwenge cane, iwabo asigaye arusha ubwenge n’abana b’abazungu bigayo, baca bagira uburyo bwose bakabagumya kugira babakorere, bakamishe ubwenge Uburundi buba bwashizwemwo umutahe."

JPEG - 26 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo muvugizi wa Reta, n’Abarundi bazorungikwa mu bindi bihugu bazobanza gutera umukono ku masezerano avuga ko bahejeje kwiga bazotahuka gukorera igihugu cabarungitse. Uwutazotaha nawe akazofatwa nk’uwufitiye ideni Reta y’Uburundi.

Ku bakozi ba Reta nabo bazoba barungitswe kwiga mu mahanga, ariko bakaba babona ko bashobora kuzobagora kugaruka mu Burundi, Reta y’Uburundi ivuga iti :

"Uwuzobona bizohava bimugora kugaruka azosaba uruhusha, agende ku gatwe kiwe, ariko ntaze agende abandanya ahembwa na Reta, yongera arihirwa na Reta, hama ngo aheze ahereyo."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahah.
    Ha ha ha ha ha ha ha ha ha ha
    Hahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahahah.
    Emwe ndatwenze ndahwereye

  • Nzobonariba ivyo avuga ni ibiki? Iyo Reta avugira yigishije abantu kudakunda igihugu cabo, uronse aho ucarukira Imana iba icanye.

  • None abaja muri ivyo bihugu bobo ntibobanza gutera igikumu kuri ayo masezerano.Hama ko nzi n’abo bazoja mu bindi bihugu bazogumayo bitumwe n’izo mvo nyene zo kurondera ubuzima bizohava bisubira guhinduka naho.Jewe mbona umuti urama ari kuduza ubutunzi bw’igihugu hama impembo ikiyongera cane cane ABANTU BAFISE UBUHINGA-bize ubuhinga bagashirwa mugaciro haba mu kazi canke mu mushahara, ntibasigare bari munsi y’abantu basanzwe ngo ni uko atari abanyapolitique canke batari mumigambwe (postes politiques et postes techniques). Hari abafise inyungu yo kwiga i Buraya n’abandi bafise izo kwiga muri Aziya, oceania,...america;africa kandi burya uwugiye kwiga ntaba agiye ku nyungu ya leta ahubwo aba agiye ku nyungu y’abenegihugu ari nabo,batanga uburyo. Reta rero niyo ibiraba irakora ibibereye kandi birama (bizana akarusho muri rusangi)

  • Ntaco mfis novuga ariko reka ntwenge.
    Hahahahhahahaaaaaaaa
    Ntibazi ivyo bakora.

  • Hahahahaha ndabira bwa bujuju bwaba DD nama mvuga burimunsi,none ngaho muzoba muhimye nde?Nzobonariba ivyo uvuga vyerekana ko ntaco DD mwishoboreye atari ukwica abanyagihugu gusa,CNDD-DD i puuuuuu

  • Kuvyukuri iyo ngingo ninziza cane kuko abo baherayo baba bivye Burundi.

  • Nukuri bimwe bavugako iyo Leta igomba kutugira ibijuju niho nkivyemera pe. Utirero karaciye ingani baduhindure ibijuju? Ibi babivuze kuko babona incabwenge zishobora kubakura kubutegetsi bigometseko ziriko ziragwira rero bahisemwo kutwigisha ubujuju bwabo ngo tugume muntwaro zabo nkuko bashaka kudusubiza muntwaro za cami. Ariko barahuma tuziga kandi hazogera igihe intahe ifate ijambo. Sha rero ngo abagiye amerika nibo bariko barahungabanya igihugu? Nihatari; ababatama bacu badusaziye nabi pe!! Ariko TUZIGA KANDI TUZOCA UBWENGE.

  • vyukuri iyi ngingo leta y’Uburundi ifashe ije hageze ahubwo yari yaratevye. None bimaze iki kubarungika kwiga hanze hanyuma ntibagaruke gukorera igihugu c’abibarutse?S’ico gikwiye gukorwa gusa jewe mbona n’ivyo bihugu vyabagumije leta yovyitwarira bigasubiza abo vyajanye nk’inyagano,ubwo n’ubusuma.Ariko nkakebura n’abo barundi bishimira ivyo bihugu vy’abazungu bakibagira igihugu cabo ko ubwo ari ubuhemu budasanzwe ku gihugu.Ariko abagikunda bar’acari benshi cane.

  • no Urose Agasumba Akandi Woronka Aho Ukorera Amahera Yagaciro Hama Ukagaruka Muri Buno Buja Tubayemwo Kuhantu Uheza Amashure Nturonke Icukora

  • Iyo ngingo niyo , ariko umuti muzana ntushobora gutuma abo barundi nataha. Mubisanzwe, Leta irungitse umuntu kwiga mu mahanga, iramukurikirana , hanyuma mu mwaka wa nyuma , ica irungika Ambassadeur w’ico gihugu , ariwe aba ajejwe no gutanga uburyo bw’abo banyeshure , hanyuma akaba ariwe atora Diplome, umunyeshure agataha, ashitse mugihugu bakamuha Copie , bakamushikiza mu kazi, akazotora diplome yiwe ari uko amaze gukorera Leta imyaka bavuganye.
    Mbona muronderera umuti kure .

  • Ariko ivyo bihugu birahomvye Mana yanje! Kumbe vyahora vyirata vyatejwe imbere n’incabwenge z’Abarundi.....Wa wundi ati "mpebe ntwenge..." Reka Filipo abakomeshe abo bakoloni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.