IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Jean Claude KARERWA arahumuriza ku magara y’umukuru w’igihugu bivugwa ko (...)

Jean Claude KARERWA arahumuriza ku magara y’umukuru w’igihugu bivugwa ko atifashe neza

Friday 22 June 2018

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu yemeza ko amagara atamukitse umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Kubwa KARERWA ugucumbagira kw’umukuru w’igihugu kwatewe n’uguhinyagara gusa bisanzwe, akemeza kandi atari irya mbere bibaye, kuko yari amaze guhinyagara n’imbere y’aho.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe akunda kandi agakina urukino rw’umupira w’amaguru ntaherutse kuboneka mu bibuga bitandukanye yahora yimenyererezamwo. Umuvugizi wiwe asigura ati :

"Umuntu yahinyagaye ntabandanya kugira imyimenyerezo y’ukunonora imitsi ikoreshwa amaguru. Ntakina umupira w’amaguru ariko si amagara amukitse. Ivyo ni ibintu bisanzwe umuntu wese arahinyagara, ariko uko yari ameze mu kwezi guheze siko ameze uno munsi. Ndizera neza ko mu ndwi nka zibiri canke zitatu azosubira gutanguza za nyigisho z’ukwigisha abarundi kuzirikana igihugu cabo. Izo nyigisho murazi ko azitanga ahagaze, agendagenda."

Kubwa Jean Claude KARERWA NDENZAKO, ntawari akwiye guterwa ikibazo c’ukwo guhinyagara kw’umukuru w’igihugu, kuko, nk’uko yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta kiriko kibera mu ntara ya Bururi, mu kuyobora igihugu umuntu ntakoresha amaguru, akoresha umutwe n’umutima.


Egide NDUWIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.