IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umushikiranganji w’amagara y’abantu yashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa (...)

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2017

vendredi 19 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Muganga Josiane NIJIMBERE aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida, yavuze ko mu mwaka wa 2017, hibonekeje kandi ikena ry’imiti imwe imwe hamwe no kubura ibikoresho vyo kwa muganga n’abakozi bakwiye,harimwo abaganga babinonosoye.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Josiane NIJIMBERE yamenyesheje ko bimwe mu vyaranguwe mu mwaka wa 2017 ari ibijanye n’ikiza ca Malariya, aho bahanganye naco gushika ku rugero rushimishije, kuko cari ikiza mu mwaka uheze, ariko kuva batanguye gutanga imisegetera,gupompa imiti yica imibu mu mazu yo mu ntara za Rutana,Muyinga,Ngozi,Cankuzo hamwe na Karusi gihava kiracureha.

Mu gisata co gukingira indwara hatanzwe incanco, Muganga Josiane NIJIMBERE yavuze ko incanco zibiri nshasha zatangujwe zijanye no gukinga ingwara ya cancer yo mu rwinjiriro rw’igitereko hamwe n’urundi rukingira rimwe agasama na rubeole.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji nk’uko vyashikirijwe ni ibijanye n’amavuriro, aho yaronkejwe ubushobozi bwo gutanga uburyo bwo gufasha mw’irondoka rijanye n’amagara meza,umugambi wo gukingira abana n’abavyeyi bagendana umugera wa Sida ,gusuzuma imiti yinjira mu gihugu hamwe n’ibikorwa vyatangujwe bijanye no kwubaka amazu y’ubudandarizo bw’imiti mu burere bw’ubuvuzi mu gihugu.

Hejuru y’ivyaranguwe, umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko , mu bigiye gukorwa uno mwaka wa 2018, harimwo gutanguza urugero rwa Maitrise mu vyerekeye ivyigwa vy’amagara y’abantu kw’ishure ry’ubuvuzi INSP ,gutunganya ishirwaho ry’igisata co kwigisha kugorora imitsi n’ingingo z’umubiri mu kigo INSP,gutungaya ibikorwa vyo kuvura ingwara zo mu nda n’urukushi.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.