Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amamuko y’umwe mu migera y’indwara ya marariya, watowe mu nkende zo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amamuko y’umwe mu migera y’indwara ya marariya, watowe mu nkende zo muri (...)

Amamuko y’umwe mu migera y’indwara ya marariya, watowe mu nkende zo muri Afrika

jeudi 20 Ntwarante 2014

Abashakashatsi baturuka mu gihugu c’Ubufaransa baheruka gutora amamuko y’umugera w’indwara ya marariya witwa « plasmodium vivax », umugera ugira kabiri kw’isi w’iyo ndwara, inyuma y’uwitwa « plasmoduim falciparum ».

Amamuko y’umugera wa marariya witwa “plasmodium vivax”, watowe mu gihe gushika ubu, abashakashatsi banonosoye ku ndwara ya marariya bari bibaza ko amamuko y’uwo mugera w’indwara ya marariya woba uri mu mugabane za Aziya. Amamuko y’uwo mugera plasmodium vivax, ukaba watowe mu bushakashatsi buheruka gukorwa ku nkende zo muri Afrika.

Uko umwaka utashe, abantu barenga imiriyoni 18, baba cane cane mu mugabane wa Aziya no muri Amerika y’amaja Epfo nibo, bafatwa n’umugera w’indwara ya marariya « plasmodium vivax ». Gushika utorwe amamuko yawo, uwo mugera wibonekeza gusa ku nkende zo muri Aziya. Mu kinyamakuru « Nature Commmunication » akaba ariho abashakashatsi batangaza ko ari inkende nini nini zo muri Afrika, zanduje abantu umugera wa plasmodium vivax utera indwara ya marariya imbere y’uko, amagayi yayo akwiragira mu mugabane wa Aziya na Amerika gushika ubu.

Igisata cishinze kugira ubushashatsi n’iterambere, IRD (Institut de recherche et de Developpement) gisanzwe kigira naco nyene ubushashatsi ku ndwara ya marariya, kikaba gisigura naco nyene ko indwara ya marariya ifise amamuko muri Afrika ku bw’inkende zaho zagiye zirakwiragiza umugera uyitera hose.

Mwomenya ko abashakashatsi bavuga ko umugera utera indwara ya marariya wabonetse kw’isi, haraciye imyaka ishika ibihumbi 30 000, gushika ubu ukaba ukibandanya gukwiragira mu migabane yose yo kw’isi naho ubuhinga bwo kuyirwanya buguma butera imbere.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.