Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano yo gukorera hamwe mu kurwanya inzara yateweko umukono - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Amasezerano yo gukorera hamwe mu kurwanya inzara yateweko umukono

Amasezerano yo gukorera hamwe mu kurwanya inzara yateweko umukono

lundi 28 Gitugutu 2013

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi aheruka gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi n’amashirahamwe asanzwe afasha muvy’uburimyi nka FIDA, UE, FAO, PAM, UNICEF, kugira bafate mu mugongo umugambi w’ikimpumbi wo kurwanya inzara mu Burundi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi, mw’ijambo ryiwe yashimiye ayo mashirahamwe ku ruhara rwayo mw’iterambere ry’igihugu, harimwo n’iry’uburimyi. Odette Kayitesi yarashimye kandi kubona ayo mashirahamwe yabaye aratanguye ibikorwa vy’uwo mugambi w’ikimpumbi wo kurwanya inzara, kandi ayo masezerano atari bwaterweko umukono. Uwuserukira ishirahamwe ry’abanyaburaya, ku bwiwe, kurwanya inzara ni igikorwa gisaba ko abo vyega bose bakorera hamwe, aca yemera ko ishirahamwe ry’abanyaburaya ritazohengeshanya gufata mu mugongo imigambi ya Reta y’Uburundi.

JPEG - 32.3 ko
Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi (hagati) ariko atera umukono ku masezerano

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu nawe nyene yashimiye ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yiyemeje gukorera hamwe mu kurwanya inzara biciye mu mugambi PRODEFI (Projet de Développement des Filières) biciye mu mugambi PROPA-O.

Umugambi PROPA-O watanguye ibikorwa vyawo ku genekerezo rya mbere Ruheshi 2013, ku mfashanyo n’amafaranga agera ku miliyaridi 23 z’amafaranga y’abanyaburaya. Muri ayo mafaranga, ishirahamwe ry’abanyaburaya ryatanze imiyaridi 18 z’amafaranga y’abanyaburaya, ayasigaye (imiriyaridi zitanu) zitangwa na Reta y’Uburundi, ibifashizwemwo na PAM na UNICEF.

Iyo migambi yo kurwanya yateweko umukono muri ayo masezerano hagati y’ubushikiranganji b’uburimyi n’ubworozi n’amashirahamwe afasha muri ico gisata, izokorerwa mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Bujumbura, Bururi, Makamba, Rutana, Ruyigi, Cankuzo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.