Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe y’abarimyi b’icayi yiteguriye guharanira ineza y’umurimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Amashirahamwe y’abarimyi b’icayi yiteguriye guharanira ineza y’umurimyi

Amashirahamwe y’abarimyi b’icayi yiteguriye guharanira ineza y’umurimyi

mercredi 28 Myandagaro 2013

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’icayi mu Burundi rwatunganije ihuriro n’abasanzwe bakorana n’abarimyi mu ntumbero yo kumenyesha aho ibikorwa vy’urwo runani bigeze, bavugane n’abandi vyega ku bibazo vy’abarimyi, bongere basabe Leta izokwisunge ineza n’akunguko k’umurimyi mu bikorwa vyo gushira mu minwe y’abikorera ivyabo igisata c’icayi.

Manirakiza Paul, umukuru w’urunani CNATHE-NYAMUKAMIRWABOSE (Conféderation Nationale des Associations des Producteurs de Thé), asanzwe ari nawe aserukira abarimyi mu rwego nshingwabikorwa rwa OTB (Office du Thé du Burundi) yamenyesheje ko kuva amashirahamwe y’abarimyi agize urwo runani, umwimbu wariyongereye cane, uva ku toni 7500 zishorerwa ku soko mpuzamakungu, uja ku toni 9000, ari navyo vyatumye Uburundi buja ku kibanza ca kabiri mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko gishora icayi cinshi ku soko mpuzamakungu. Ivyo rero bakaba babikesha ugukorana neza hagati y’abarimyi na OTB isanzwe ibakurikirana mu kubaha inyigisho z’ubuhinga, intabire hamwe n’agahembo ku cayi baba barimye.

JPEG - 46.9 ko
Manirakiza Paul, umukuru w’urunani CNATHE-NYAMUKAMIRWABOSE

Nk’uko Manirakiza Paul yabandanije abishikiriza, urunani CNATHE-NYAMUKAMIRWABOSE rwarafashije mu gusaba ko igiciro c’icayi ku murimyi kitokwama ari cakindi, rimwe na rimwe kikaduzwa kuko no ku soko mpuzamakungu gihindagurika.

Mu bibazo abarimyi b’icayi bagenda barahura navyo, nk’iyo ifumbire zitevye kuboneka, ivyo navyo bigaca bigira ingaruka ku mwimbu, canke nk’iyo agahembo k’abarimyi kataje ku mwanya, Manirakiza Paul ati : « Turiko turakorana na OTB kugira ivyo bibazo vyose bihanze igisata c’icayi bitorerwe inyishu, kugira umwimbu ubandanye kwiyongera.

Muri iryo huriro ryabaye kuri uyu wa kabiri kuwa 28 Myandagaro, batumiye kandi n’abo mu bushikiranganji bw’uburimyi kugira basigure aho umugambi ugeze wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo igisata c’icayi, bongere babasabe gushira imbere inyungu z’umurimyi.

JPEG - 35.3 ko
Bamwe mubari bitavye ihuriro

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.