Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kworoshwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kworoshwa

Amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kworoshwa

lundi 14 Mukakaro 2014

Papa yiyemeje guhagurikira ikibazo c’ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana bato, mbere akamenyesha ko igihe nicagera, amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokworoshwa.

Umwungere wa ekereziya katolika, Papa Fransisiko, yavuze ko yibaza ko amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokwoshwa igihe nicagera. Papa yavuze ko hari inyishu yoba ihari igamije guhindura ayo mategeko amaze imyaka 1100.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru La Repubblica co mu Butaliyano, Papa Fransisiko yavuze ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina bamwe mu bihebeye Imana bagirizwa gukorera abana ari indwara imeze nk’imibembe yadukiriye ekereziya katolika. Yamenyesheje ko hafi ibice bibiri kw’ijana vy’abihebeye Imana bahohotera abana bishingiye ku gitsina, muri abo hakaba harimwo n’abasenyeri n’abakaridinari.

Papa Fransisiko, umwungere wa ekereziya katorika akamenyesha ko yiteguye gutorera umuti ico kibazo akoresheje inguvu zose bisaba, kugira ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana bato rituzwe.


Floxella Karire

Messages

  • Mbengimanadusenganigikinishokukohanditswengogusezeranantushitsekowopfumauburaicousezeranaikibisukurongoraarik6okusezenanushitseninkivyagomugabiratahuritsekukoturimubihevyanyuma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.