Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amenyo afise akamaro kanini ku muntu wese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amenyo afise akamaro kanini ku muntu wese

Amenyo afise akamaro kanini ku muntu wese

lundi 18 Ntwarante 2013

Iyo umuntu atagize isuku mu kanwa,bishobora kumutera ingaruka nyinshi narirya tuzi ko ari n’igihimba ngirakamaro umuntu wese akoresha.

Iyo rero atamenye akamaro kawo,biragora kumenya nico yokora kugira akingire amagara yiwe. Rimwe na rimwe, hari aho usanga hari abafise ingorane zo mu kanwa kubw’indwara baba basanzwe bafise.

Amenyo ni ikindi gihimba gisanzwe kiri mu kanwa.Kubw’ubushakashatsi bwakozwe ngo n’ivyankenerwa ko umuntu wese igira isuku mu kanwa kugira akingire amenyo yiwe kuko ari igihimba kibangamirwa cane n’isuku rike.

Hari n’ingaruka nyinshi kubakoresha akuma gafasha kugurora amenyo bita “prothese dentaire”,ni vyiza ko umuntu akingira amagara yiwe mu kugira isuku mu kanwa.

Kurya bikorwa kubafise amenyo asanzwe,ngo nivyankenerwa ko n’abafise icuma c’amenyo mu kanwa bagira isuku mu kanwa,bakiyugumura igihe cose bahejeje gufungura.

Kubwa muganga Dr.Couzinou, ngo”vyiza ni gukura ico Cuma c’amenyo,kikozwa kurya kw’amenyo, bakagira isuku rishoboka.”

Kubwiwe, ngo bishoboka ni ugukoresha uburoso bw’amenyo bworoshe kugira ntibwonone ibinyigishi. Ikindi ni ugukoresha butoyi kugira bushobore gukura ubucafi bwose bwoba bwinyeje ahataboneka.

Rimwe na rimwe ni vyiza gushira utwuma dufata amenyo mu miti yabigenewe kugira barinde ivyoza vyose bitera ingwara.

Abenshi bagendana utwuma tw’amanyo tuvayo, bahitamwo kudukura bagire baryame mw’ijoro. Muri ico gihe,ni ivyiza ko borara batubombetse mu mazi yabigewe,kugira ntitwume,atari uko duca twononekera.

Ku bijanye n’ivyo gufungura,ngo nta kintu na kimwe kibujijwe gufata,umuntu ashobora gufungura ico ashaka..Vyose bivana n’uwo afise ako kuma. Ariko ntivyemejwe neza ko guhekenya ibazoka binshi bita ijojo vyoba ari vyiza.

Kubafise ingorane yo kugumiza ako kuma ku kinyigishi, hari ibintu bifatanya ako kuma n’ico kinyigishi co mu kanwa kugira kagumye amenyo neza.

Ngo kubakoresha bose utwuma tw’amenyo tugumayo canke bashobora kuza barakurayo,birabijijwe kunywa inzoga n’itabi kuko bishobora kwongereza izindi ngorane zo mu kanwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.