Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pharell Williams : Jewe ndemera Imana naho hari abatayemera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Pharell Williams : Jewe ndemera Imana naho hari abatayemera

Pharell Williams : Jewe ndemera Imana naho hari abatayemera

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi w’umunyamerika Pharell yahinduye intumbero yo kuririmba, ashaka gutegura iherezo ryiza kw’isi.

Uwo muririmvyi w’Umunyamerika amaze kubona ingene isi igeramiwe n’ihinduka rija kuyihonya, n’ibintu biyiberamwo, yabwiye ikinyamakuru News.au ko wewe yemera IMANA. Ati : " Jewe ndemera Imana naho hari abantu batayemera. Naho biri uko hari ibintu tudashobora guhakana : Isi ni inzu yacu twese dutegerezwa kuyikingira, none twese dukorere ikintu isi yacu".

Uwo muririmvyi mu bushakashatsi yagize yasanze ku munsi ku munsi hari imicafu ya "Plastique" igera ku miriyoni 3.500 ija mu mazi y’inyanja Pacifique. Iyo micafu ntiheza ngo igume ireremba hejuru yayo mazi, ahubwo igaruka ku bantu kandi bakayirya. "Tuyirya biciye mu mafi, n’ibindi bikoko vyo mu mazi biribwa n’abantu, iyo micafu irimwo utumanyu duto cane tw’ivyuma n’izo "Plastique" zitabora, isubira kugaruka mu magara y’abantu haba mu kubinywa mu mazi canke kubirya mu mfungurwa."

Pharell Williams yafashe ingingo yo kwegeranya iyo micafu yose ibangamiye amagara y’abantu nay’ibikoko, iyo micafu ibangamiye ikintu cose gihema n’isi, akazoca ayikoramwo impuzu. Mu kwezi kwa Nyakanga 2014, uwo muririmvyi yarashize ahabona impuzu yakoze muri iyo micafu ireremba ku mazi, hari mu ndwi yahariwe imideri i New York.

Si aho gusa uwo muririmvyi amaze kwerekana impuzu akora zivuye muri "Plastique", kuko aramaze kuja i Davos muri Suisse aho yaja gutangaza ibiteramo agiye gutanguza yitiriye Live Earth kugira amenyeshe abantu ihindagurika ribangamiye isi. Ivyo biteramo bizotangura kuva kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2015, bizobera muri Paris, New York, Brésil, Afrika y’epfo, Ubushinwa hamwe na Australie.

Umviriza ururirimbo "Happy" rwa Pharell Williams


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.