Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Umwana wa 50Cent w’imyaka 2 agiye kuzohembwa 700 000 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Umwana wa 50Cent w’imyaka 2 agiye kuzohembwa 700 000 (...)

Amerika: Umwana wa 50Cent w’imyaka 2 agiye kuzohembwa 700 000 z’amadorari

jeudi 12 Ntwarante 2015

Umwana w’umu "rappeur", umuhinyanyuzi w’imiziki, umwanditsi(compositeur), umukinyi w’amareresi n’umu "homme d’affaires" 50 Cent agiye kuzohora ahembwa ibihumbi amajana 700 000 vy’amadorari y’Amerika.

Sire Jackson afise imyaka ibiri, 50 Cent yamuvyaranye na Daphné Joy bahora bakundana. Uwo mwana w’umuhungu agiye kuba samuragwa w’ibikorwa vya se wiwe. N’ubuto n’akantu Sire Jackson yagiranye amasezerano ya "mannequinat" n’ishirahamwe Kidz Safe ridandaza ama "ecouteurs" y’abana.

Kidz Safe rizomuhemba ibihumbi 700 000 vy’amadorari, uwo muhungu wa 50 Cent ntiyatowe ku gihamana. Uwo mwana azanzwe akundwa cane na se wiwe. Agiye kuba samuragwa w’itunga rya se wiwe kubera Kidz Safe rwegukira SMS Audio rya 50 Cent ubw’iwe. 50 Cent ati:"Amurikira iminsi yanje. Arandyohera ariko asubiramwo ivyo yumvise umunsi wose. Ubu ahejeje gushira umukono ku masezerano na Kidz Safe, bamuhemba menshi ariko n’ivyiza". Ivyo 50 Cent yabivuze mu kiganiro "Angie Martinez Show."

Abandanya ati:" n’uko nahora niyumvira vyarahindutse, ubu nsigaye ngaba turiko turayaga." Naho biri uko, ayo mahera azohembwa Sire Jackson azomufasha ibitari bike, 50 Cent ati:" Amahera azoja kuri "compte"itari bwagere kwajako. Noba nashatse kuvuga ko ayo mahera azomufasha mu bintu bijanye n’ukuriha amashuri yiwe naho ari jewe ntegerezwa kuyariha, ku myaka 18 azotangura guhembwa amadorari 700 000".

Twababwiye ko Sire Jackson yavutse kuri Daphné Joy aboneka mw’ireresi ya 50 Cent "Pirates des Caraïbes" aho akina mu kibanza c’ifi ifise umutwe w’umuntu bita"sirène".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.