Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Anvers : Ibibazo bihanze igisata c’Ubuvuzi mu Burundi vyagarutsweko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Anvers : Ibibazo bihanze igisata c’Ubuvuzi mu Burundi vyagarutsweko

Anvers : Ibibazo bihanze igisata c’Ubuvuzi mu Burundi vyagarutsweko

mardi 13 Rusama 2014

Abarundi bari hanze y’igihugu bakomeza kwiyumvirira hamwe ingene bofasha mu ngorane zihanze igihugu c’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi gisanzwe gifise intambamyi zitari nke.

Kuri uwu wa gatandatu, mu gisagara ca Anvers mu Bubirigi, harabereye inama yahuje Abarundi baba muri ico gihugu n’abagenzi b’Uburundi, na cane cane abaganga batagira akaruhuko bahurikiye mw’ishirahamwe bise Médecins Sans Vacances (MSV), hamwe n’abarimu (bamwe bamwe), bigisha mw’ishure rya AP Artesis Plantijn Hogeschool Antwerpen, bo mu gisata cigisha abaforoma. Bakaba bariko bihweza ingorane ziri mu gisata c’ubuvuzi mu Burundi, bongera barabira hamwe icokorwa kugira izo ngorane zigabanuke, bishobotse zituzwe.

Iyo nama yatunganijwe n’ihuriro ry’Ababirigi b’abagenzi b’Uburundi, BEKRIBU (Belgische Vriendenkring van Burundi) mu rurimi rukoreshwa mu buraruko bw’Ububirigi, ribifashijwemwo n’igisagara ca Anvers. Kubwa Jean Pierre Nduwumwami, umurundi amaze igihe kirekire mu Bubirigi, arongoye iryo huriro, hari ingorane zikomeye mu gisata c’Ubuvuzi, cane cane i Muyinga n’ahandi hose mu Burundi. "Abo twita abaspécialistes ni inkehwa, kandi n’iyo babonetse, baja gukora i Bujumbura. Nk’i Muyinga, ishirahamwe OMS risaba ko (kw’isi yose) umuganga umwe avura abanyagihugu ibihumbi cumi (1/10.000), ariko i Muyinga, intara yose ijejwe abaganga (b’Abarundi) babiri ku banyagihugu bagera ku bihumbi 650. Mu baforoma nabo, benshi usanga badafise ubumenyi buhagije. Ibikoresho birabuze, ibitanda ntibikwiye kugeza naho abarwayi basigaye babavurira hasi kubera ubukene bw’ibitanda n’imatera mu bitaro, hamwe rero n’imiti ibuze."

JPEG - 68.4 ko
Jean Pierre Nduwumwami (uwo uri hagati) ati : «Hari ingorane zikomeye mu gisata c’Ubuvuzi mu Burundi"

Iyo nama rero yatumiwemwo n’abaganga batagira akaruhuko basanzwe bahora basimbira gufasha mu bihugu vya Afrika (Uburundi, Kongo, Urwanda, Ubuganda n’ahandi). Bakaba nabo nyene baravuze uko basanze vyifashe i Muyinga, aho baherutse mu kwezi kwa Ndamukiza guheze. Umuganga Nele Vangheluwe avuga ko hari ingorane nyinshi, mugabo ko abategetsi muvy’ubuganga hamwe n’abaganga b’aho i Muyinga, bagerageza kuvyifatamwo neza uko bashoboye. Agasaba rero ko kubera abaganga n’abaforoma bakora umwuga ubasaba vyinshi, ko bakwiye gufatwa neza mu kubongerereza agashara.

JPEG - 5.3 Mo
Abari muri iyo nama biyemeje gukomeza guhimiriza abarundi hamwe n’ababirigi ko bokwitwararika gufata mu mugongo igisata c’ubuvuzi

Muganga Nele Vangheluwe arongera akemeza ko abaganga batagira akaruhuko bazoguma baja guterera umuganda mu kuvura abarundi, hamwe no kwungura ubwenge abaforoma.
Ishirahamwe BEKRIBU naryo ryiyemeza kubandanya rihimiriza abarundi bari aho mu Bubirigi hamwe n’Ababirigi bo mu karere k’Uburaruko bw’Ingoma y’Ububirigi, akarere bita Flandre, kugira bose bitwararike gufata mu mugongo igisata c’ubuvuzi mu Burundi, ari naco gituma hari n’iyindi nama itegekanijwe kubera aho i Anvers kuwa 14 Ruheshi uwu mwaka, inama izoba ivuga ivyerekeye indwara ya Sida na malaria bisanzwe biri mu ndwara zibangamiye abarundi cane kurusha izindi.

Mwomenya ko iryo shirahamwe BEKRIBU ryigeze kurungika mu bitaro vy’i Muyinga abaganga batagira akaruhuko (abaganga babiri n’abaforoma babiri), mu mwaka w’2006, naho ku mvo gushika ubu zitamenyekanye, abo baganga batemerewe kwinjira mu bitaro kugira bavure abarwayi, kandi hari no mu gihe abaganga n’abaforoma b’abarundi bari muri yegereyegere.
Mu mwaka w’2012, iryo shirahamwe ryarungitse amatoni ashika 15 y’ibikoresho vyo mu bitaro bigizwe n’ibitanda vyo ku mapine ushobora kuduza, kumanura canke kwicarika umurwayi, amamatera, intebe z’amapine z’abagendana ubumuga (chaises roulantes), imiti, n’ibindi.
Ubu naho ishirahamwe BEKRIBU rikaba rishaka gutungunya inyigisho nkarishabenge ku baforma, hamwe n’ukurungika imiti ikunda kubura aho muri ivyo bitaro vy’i Muyinga.


Jérôme Bigirimana

Messages

  • Ababarundi babamu Bubiligi nincutizabo ndabemeye 100%

  • Abarundi mwarimukwiye gukunda igihugucanyu nkuko abanyamahanga babakunda iyumvire ingene mwabiciye abaganga agnes bill ruyigi arikovyose baravyibagira bakabandanya babafasha ubusuma bwabayendase mugisata cubuvuzi gezaho

  • Abo barundi ndabashimiye nkongera nshimira na Jérôme kutumenyesha ibiriko biraba hiyo mu mahanga. Nama nsoma amakuru wandika kuri Arib n’ahandi. Uri umumenyeshamakuru abushitse pe. Wandika neza kandi ntabwo uhengama nka benshi mu bamenyeshamakuru bo ngaha iwacu n’ahandi.
    komera murundi mwenewacu. ukomeze kudutohoreza n’izindi nkuru

  • ahanini ni financement de la santé et la professionnalisation des médecins bikibuze. nous sommes au travail quotidiennement. la population burundaise se sensibilise de plus en plus.je suis médecin généraliste formé en urgences chirurgicale et obstétricale. mais je suis pas spécialiste. les femmes enceinte et les enfants de moins de 5ans sont soigné sur fonds du gouvernement et de ses partenaires. les mutuelles de santé naissent progressivement. il reste a nous aider du côté spécialisation en chirurgie de district sanitaire. si vous y étés pour un financement je me porte votre candidat : santé publique’ imagerie médicale ou chirurgie en milieu rural.

    cordialement

    Dr Bigirindavyi Dismas
    Province sanitaire de cankuzo
    Médecin directeur
    Burundi
    257 77 894 326

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.