Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
APROSAME: Abagera ku 1687 ni bo bafise indwara zo mu mutwe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > APROSAME: Abagera ku 1687 ni bo bafise indwara zo mu mutwe mu (...)

APROSAME: Abagera ku 1687 ni bo bafise indwara zo mu mutwe mu Burundi

vendredi 1er Munyonyo 2013

Intambara, ingorane z’ukubura incuti n’abangenzi, ingorane zo gukumirwa n’umuryango, ubukene, ugufatwa ku nguvu, ivyo ni bimwe vyagaragaye mu matohoza aheruka kugirwa n’ishirahamwe rihurikiyemwo abanyeshure banonosoye imico, imibano n’imigirwa hamwe n’indwara zo mu mutwe APROSAME (Association des Psychologues pour la Promotion de la Santé Mentale) ko vyoba biri bitera indwara zo mu mutwe.

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara zo mu mutwe wama uhimbazwa uko umwaka utashe igenekerezo rya 10 Gitugutu, ishirahamwe APROSAME ryishinze kurwanya indwara zo mu mutwe, ryerekenye icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza yakozwe mu ntara zishika 14 z’Uburundi, havuyemwo intara ya Ngozi, Rutana na Bujumbura Rural. Ayo matohoza yakozwe ku makomine 46 n’amazone 101 mu gihugu cose ku bijanye n’abafise ingorane z’indwara zo mu mutwe.

Kuri ayo matohoza yakozwe, abantu bagera 1687, nibo bagaragaye nk’abafise ingorane zo mu mutwe bari mu muri izo ntara 14 z’igihugu. Abenshi mu ribo n’abari mu mabohero, mu makambi y’umpunzi, mu bitaro bitandukanye, mu vyumba vy’amasengesho eka mbere no mu buzi butandukanye.

Kuri abo bantu 1687 bafise indwara zo mu mutwe, 847 n’abagabo, 840 nabo akaba ari abakenyezi. Ivyo bikerekana ko yaba abagabo canke abagore, bose bageramiwe n’indwaro zo mu mutwe. Ku bakenyezi, ishiramwe APROSAME, ryasanze abakenyezi barwaye indwara zo mu mutwe babangamirwa cane no gufatwa ku kunguvu kuko ababafa ku nguvu, baregura bavuga ko gufata ku nguvu umukenyezi arwaye mu mutwe bikiza umugera wa SIDA.

Ku bijanye n’imyaka y’abarwaye mu mutwe baba bafise, mu matohoza yakozwe, ku barwayi 1621 bazwi n’igisata cishinze kuraba ivy’indwara zo mumutwe DIRSM (Division de recherche en santé mentale), ibice bigera kuri 42,29 kwi 100 n’ivyabari hagati y’imyaka ya 20 na 45, ibice 24,12 kwi 100 n’ivyabarenza imyaka 45, ibice 13,07 kwi 100 n’ivyabafise imyaka iri hagati y’imyaka ya 13 na 19 hamwe n’ibice 11,35 kwi 100 vy’abafise imyaka iri hagati ya o na 12.

Kuri ivyo bitigiri biri hejuru cane vy’abafise indwara zo mu mutwe, bari hagati y’imyaka ya 20 na 45, Thierry Nkurunziza arongoye ishirahamwe APROSAME, akaba ari nawe ariserukira imbere y’amategeko, avuga ko vyoba bitumwa ahanini n’ingorane zo mu miryango, ubukene canke izi ngorane zo mu buzima usanga zigoye kwihanganira bigaca bituma barengerwa n’ubuzima bubagoye, ari navyo bica bituma bashobora no guta ubwenge ku ri bamwe. Ku biharuro vyakozwe kuri abo bantu bari hagati y’imyaka 20 na 45 barwaye mu mutwe, ku bagera ku 1303, ibice 51,95 kw’100 n’ababa batarubaka urwabo canke bibana“Celibataire”, ibice 33,15 kw’100 n’ababa barubatse urwabo, ibice 6,21 kw’100 n’ababa barapfakaye hamwe n’ibice 9,43 kw’100 baba barahukanye canke baravuye mu ngo zabo.

Ku bijanye naho n’ubumenyi abafise kuri abo bafise ingorane zo mu mutwe, ku bantu 1286 bagizwe kw’amatohoza bazwi n’igisata DIRSM, ibice 59,33 kwi 100, n’abataciye ku ntebe y’ishure, 34,52 kwi 100 n’abize amashure y’intango gusa, n’ukuvuga kuva mu mbere gushika mu watandatu, ibice 4,82 kwi 100 n’abize kugeza mu mashure y’isumbuye, n’ikuvuga kugeza mu mwaka w’ 10, igice 1,24 kwi 100 n’abahejeje amashure y’issumbuye hamwe n’ibice 0,38 kwi 100 vy’abize kaminuza. Kuri ivyo bitigiri vyose, ivyagaragaye nuko abataciye mu mashure ari bo benshi kurusha ibaciye ku ntebe y’ishure.

Kuri abo barwayi bo mu mutwe, 1249 bagizwe kw’amatohoza, ibice 38,70 ntibaraja kwipimisha kwa muganga, ibice 16,47 baripimishije kubitaro vy’abarwayi mu mutwe vyo mu Kamenge (CNPK) mu gihe ibice 38,81 kw’100 bagiye ku bindi bigo bitabdukanye biraba indwara zo mu mutwe. Ku bijanye nayo n’ikirongo abo barwayi bo mu mutwe bamara barwaye, ibice 48,88 kw’100 bararenza imyaka 10 bakirwaye mu mutwe, ibice 30,27 kw’100 ni hagati y’imyaka 5 n’I 9 hamwe n’ibice 23,83 kw’100 barwara gushika ku myaka iri hagati y’ubusa n’ine.

Ishirahamwe rihamagira imiryango y’abo barwayi mu mutwe gufasha abo bafise ingorane, kugerageza kugira imibano myiza kuko bishobora kugira ingaruka mbi mu buzima bw’umutu, agashobora mbere kurwara no mu mutwe. Basaba ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA kwama bategekanya imiti ikwiye y’abarwayi bo mu mutwe kuko ari n’igisata kidakunda kwibukwa cane muri ubwo bushikiranganji.

Barasaba n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda kurushirizaho gushigikira abafise ingorane zo mu mutwe nk’uko bwama bubikora eka mbere n’amashirahamwe mpuzamakungu mu gutanga uburyo bukwiye kubw’ico gisata.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.