Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibura ry’amata rifitaniye isano n’inyika ry’icatsi pennisetum purpurum - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ibura ry’amata rifitaniye isano n’inyika ry’icatsi pennisetum purpurum

Ibura ry’amata rifitaniye isano n’inyika ry’icatsi pennisetum purpurum

lundi 9 Nyakanga 2013

Abari mw’ishirahamwe ASARECA bifatanije n’abakuru bo mu bishikiranganji bw‘uburimyi n’ubworozi, barishikiye kuraba aho imigambi yo muri ryo shirahamwe igeze.

Muri urwo rugendo, umushakashatsi wo muri ISABU asanzwe akorera ishirahamwe ASARECA, yerekanye kuri uyu wa gatandati Myandagaro uyu mwaka, ivyo bakuye mu bushakashatsi bakoze ku vyatsi bise pennisetum purpurum. Ivyo vyatsi bikaba vyatewe n’indwara yatumye umwimbu w’amata ugabanuka kubera kubura imfungurwa z‘nka. I Mahwa muri komine Ryansoro, intara ya Gitega akaba ariho iryo shirahamwe ASARECA risanzwe ryaragiriye ubushashatsi kuri ivyo vyatsi bise pennisetum purpureun, bavuga ko biriko biranyika.

Ivyo vyatsi vyatewe n’indwara bita phytoplasme calidatis polissais. Akaba yamenyesheje ko inkomoko y’iyo ndwara yateye ivyo ivyatsi pennisetum purpureun, ari uko iyo indwara iva kubera batari bashizemwo umwavu, hamwe n’amazi akwiye ivyo bikaba vyatuma iyo ndwara itononona ibintu vyinshi. Mu bisanzwe yasiguye ko aho iyo ndwara ishitse, inka zica zibura imfungurwa, aho bica bituma umwimbu w‘amata ugabanuka cane. Ni muri ubwo buryo ishirahamwe ASARECA, ryakoze umugambi wo kurwanya iyo ndwara.

Ubwoko bune bw‘ivyatsi vya pennisetum purpureum busanzwe burinda iyo ndwara bwaratanzwe na ASERECA, muri ubwo bwoko bune basanze ko ubwoko bubiri gusa aribwo burinda iyo ngwara cane, mu burere butandukanye bw‘igihugu c’Uburundi. Ubundi buryo bushoboka bwo kurwanya iyo ndwara ni ubwerekeye gushiramwo ifumbire, kubagara hamwe n’umugirwa mwiza wo kuza urabikata.

Mu bushakashatsi bwakozwe, babonye ko iyo ndwara iri mu gihugu cose. Ivyerekeye inguvu z‘ishirahamwe ASARECA, yakoresheje kugira rirwanye izo ndwara, aborozi bo mu karere ka Bututsi barashimiye cane iryo shirahamwe, risanzwe rikora imirimo yayo mu gisata c’Uburimyi n’ubwowrozi rikaba ryarafashije cane mu guteza imbere ubushobozi bw‘abarimyi bo muri zone Kiryama muri komine Songa, hamwe no guteza imbere ubworozi bw ‘inka mu mihana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.