Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bagiye gusubira ku mirimo inyuma y’indwi bari muri yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bagiye gusubira ku mirimo inyuma y’indwi bari muri yegereyegere

Bagiye gusubira ku mirimo inyuma y’indwi bari muri yegereyegere

mardi 8 Mukakaro 2014

Inyuma y’inwi yose abakozi bakoresha ikarata ya MUTUELLE bo kubitaro vyitiriwe Prince Regent Charles bari muri yegereyegere, basabwe gusubira ku imirimo yabo.

Abakozi bo ku bitaro vyitiriwe Prince Regent Charles basanzwe bakoresha ikarata yo kwivurizako ya MUTUELLE, batewe akamo n’umushikiranganji w’amagara y’abantu gusubira ku mirimo yabo, inyuma y’indwi bari muri yegereyegere. Naho umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana yateye akamo abakozi ko gusubira ku mirimo, bamenyesheje ko barindiriye icanditse kibemeza ko bazobandanya bavurwa bakoresheje ikarata MUTUELLE.

Abo bakozi bo kubirato Prince Regent bakoresha MUTUELLE, bavuga ko bafise amakenga yo guhagarika yegereyegere barimwo kuko bumvise ko mubahagaritse imirimo, harimwo abazofatirwa ibihano. Karibwami Pacifique asanzwe aserukira abandi bakozi ku bitaro Prince Regent akavuga ko naho bemeye gusubira kukazi, batitavye akamo k’umushikiranganji w’amagara y’abantu kuko bizeye n’ivyo babwiwe n’umwe ari mu rwego nyobozi bw’ishirahamwe MUTUELLE, ko bagiye kubandanya bavurwa bakoresheje iyokarata. Abo bakozi basaba umuyobozi w’ibitaro Jean Bosco Nduwarugira kuraba ineza y’akazi, kuko bumvise ko batanu muri bo bagiye gufatirwa ibihano kuko bari bamaze imisi bahagaritse akazi.

Mwomenya ko bamenyesha yuko mu gihe abo batanu bobarya n’urwara, baca bagira kandi yegereyegere batarinze kugabisha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.