Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-moon arababajwe n’ukwikwega kw’umugambi wo kugabanya impfu ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ban Ki-moon arababajwe n’ukwikwega kw’umugambi wo kugabanya impfu ku (...)

Ban Ki-moon arababajwe n’ukwikwega kw’umugambi wo kugabanya impfu ku bavyeyi

lundi 30 Ruheshi 2014

Ikigo cigisha ivy’ubuvuzi, INSP kimenyesha mu bihugu bifise igitigiri kiri hejuru c’abavyeyi bapfa bakiri ku myaka yo kurondoka, Uburundi buza imbere muri Afrika y’Ubuseruko.

Mu matohoza aheruka gukorwa mu mwaka w’i 2010, abevyeyi bagera ku 500 ku mvyaro 100 000 nibo bapfa. Prosper Niyongabo, umushakashatsi mu kigo INSP akavuga ko ico gitigiri kiri hejuru ugereranije n’ibindi bihugu bihana imbibe n’uburundi.
Igikorwa co kugabanya impfu ku bavyeyi mu Burundi kikaba kikiri kure nk’ukwezi ku bw’ubukene bukicugarije igisata c’ubuzvuzi. Uburundi buharura abaganga bagera ku 0,3, abaforoma begera kuri 1,9 ku bantu 100 000, amavuriro aharurwa ku ibice 52, ibitaro bigera ku bice 19 kw’ijana bitagira umuyagankuba, n’imvyaro zibera muhira ziharurwa ku bice 40 kw’ijana.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban ki-Moon amenyesha ko ababajwe n’ukungene umugambi wo kugabanya impfu ku bavyeyi wikwega mu bihugu nka vyose vyo kw’isi. Ban ki-Moon akavuga ko ukugabanya impfu ku bavyeyi ari umwe mu migambi y’ikimpumbi y’iterambere wagaragayemwo ukwikwega kw’ibikorwa. Uwo munyamabanga akibutsa ko umugambi w’ikimpumbi w’iterambere wa gatanu (OMD5) ari ukugabanya impfu ku bavyeyi bagera ku 3 ca 4 hamwe no kuvurwa ku buntu ku bavyeyi bose bibungenze mu mwaka w’ 2015.

Inyuma yaho bigaragariye ko abakenyezi benshi bitaba Imana bariko baribaruka bivuye ku ngorane z’imbanyi, haciye hashingwa umugambi bise « Chaque femme chaque enfant », bisigura « umuvyeyi wese, umwana wese » kw’isi yose. Mwomenya ko uwo mugambi uzotuma haba inyigisho nyinshi zijanye no kwibaruka ku bakenyezi mu mitumba, gutanga imiduga izosanga abakenyezi ku mitumba ya kure.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.