Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu vyotuma umuntu agira amagara meza biciye mu muziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bimwe mu vyotuma umuntu agira amagara meza biciye mu muziki

Bimwe mu vyotuma umuntu agira amagara meza biciye mu muziki

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Umuziki, uri mu bituma umuntu yoshobora kwibagira ivyiyumviro biba bimuremereye, kuruhuka, kugira umutima unezerewe, utekanye na cane cane mu gihe yoba ariko yumviriza nindirimbo yamushitse ku nyota.

Umuhinga Lauren Pelley, mu bushakashatsi yagize, yasanze umutu ashobora kugera ku rugezo rwo kwumva aruhutse no kugera k’umunezero nyawo mu gihe ariko yumviriza umuziki yakunze. Aho mwokwibaza muti: “Ni gute umuziki ushobora gutuma umutu agira amagara meza?”

Mu cirwa cakozwe, abahinga bagize amatohoza basanze umuziki ufise uruhara rudasanzwe ku magara meza mu buryo butandukanye. Nk’akarorero mu gufasha kuruhuka neza, gusinzira bitagoranye canke mu gufasha umutima gutera neza.

Bumwe mu buryo umuntu yokora kugira bimufashe kugira amagara meza biciye mu ndirimbo:

1. Kwinonora imitsi uriko wurumviriza umuziki

Abatari bake bakunze kwinonora imitsi bariko baratamba gusa. Ku bw’abagize ivyigwa kuri ivyo, bavuga ko ari vyiza gushiramwo n’umuziki kugira uwinonora imitsi agendere ku mudiho uba uriko uravuga. Gutyo bigafasha n’umutima gutera mu buryo butumbereye.

2. Kugira bibafashe gusinzira neza, umvirize umuziki

Umushakashatsi Amy Clements-Cortes aremeza ko umuziki uri mu bituma umuntu aruhuka. Amy ati: “Naho umuntu atowumviriza muri ako kanya nyene agire asinzire, ni vyiza ko nko ku mutanga yoza arawumviriza agashiramwo umuziki kugira mw’ijoro itiro rize kuza bitagoranye”.

3. Kunezerwa biciye mu muziki, birwanya imyirarikiro umuntu aba afise

Ivyirwa vyokozwe kuri ivyo, birerekana uburyo umuziki uri mubishobora kugabanya imyitwarariko umuntu aba afise. Abahinga bagize ivyigwa, bavuga ko umuziki ukozwe mu mudiho wiyoroheje, utuma ivyiyumviro bibabaza umutima bigabanuka.

4. Kubiteguriwe kubagwa, kwumviriza umuziki imbere yaho, bibagabanya umubabaro

Kubwa McGill ari mubagize ivyirwa, avuga umuziki ushobora gufasha mu bihe bitoroshe kwihanganira. Nkiyo umuntu yiteguriwe kubarwa kwa muganga, umuziki uramufasha kudahungabanywa n’ububabare aba afise.

5. Mu guhoza umwana ababaye, ni vyiza kumuririrmbira

Kuririmbira inzoya, ntibibafasha gusa mu kumusinzira ariko birafasha no kugumana amagara meza. Mu cigwa casohowe mu kinyamakuru candika ku magara meza y’abana “Pediatrics” mu mwaka w’i 2013, basanze umuziki uri mu bifasha guteza imbere amagara meza y’abana bavutse hataragera. Kubaririmbira bigatuma imitima yabo ikora neza bigatuma banahema na neza. Ikindi ciza naco co kuririrmbira umwana, ku bavyeyi babikora, bituma imigenderanire iri hagati yabo igenda ikomera.

6. Umuziki ni wankenerwa mu kumenya kubaho kw’abana bakiri bato

Nk’uko vyasiguwe n’umuhinga mu bijanye n’umuziki, Laurel Trainor, umuziki n’igikoresho gifasha ubwonko gukora neza, maze umuntu akanahigira n’ibitari bike. Uyo muhinga akavuga ko ari vyiza ko abavyeyi boza bararirimbana n’abana babo, kuko mu kwumviriza indirimbo bituma abana bahigira ibitari bike, bizobabafasha muri kazoza kabo”.

7. Ni vyenkenerwa kuja mu mirwi y’abaririmba mu kugumana amagara meza

Ikinyamakuru “Frontiers of Psychology” kiti: “Kuja mu mirwi y’abaririmvyi bituma ugutera kw’imitima yabo kuja ku rugezo rumwe”. Iyo bari hamwe barahanahana amajwi ivyo bigafasha mu gutera neza kw’imitima yabo.

8. Kwumviriza umuziki mukunda gusumba iyindi

Kuja mu mirwi y’abaririmvyi ntibihagije kugira umutima utere neza. Mu cigwa cerekanywe mu mwaka w’i 2013 mu nama yahuje amashirahamwe ahurikiyemwo abaganga b’abaraba ivy’imitima, basanze abantu bafise ingorane z’umutima boshobora gufashwa no kwumviriza imiziki basanzwe bakunda.

Abo bashakashatsi bavuga ko kwumviriza umuziki vyonyene bidakwiye kugira umuntu agire amagara meza, ariko ko ari vyiza kwumviriza imiziki iruhura umutima na cane cane iyiyoroheje, iri mubifasha gutera neza kw’umutima.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.