Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe muvyokorwa mu kuduza igitigiri c’abakenyezi bonsa abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bimwe muvyokorwa mu kuduza igitigiri c’abakenyezi bonsa abana

Bimwe muvyokorwa mu kuduza igitigiri c’abakenyezi bonsa abana

jeudi 5 Kigarama 2013

Kudashigikira umukenyezi yonsa, kutamufasha mu dukorwa twa minsi yose, kutamuba hafi canke kutamutahura mu bihe atorohewe, biri muri bimwe bituma abakenyezi batonsa abana babo ku rugezo rukwiye.

Nk’uko vyashikirijwe n’umugambi w’igihugu wo mu gisata kiraba ivy’imfungurwa no gufungura neza, PRONIANUT (Programme National Integré de l’Alimentation Nutritionelle), igitigiri c’abakenyezi bonsa abana gushika bakwize imyaka ibiri, mu gihugu c’Uburundi kiri hasi ugurereranije n’ibindi bihugu dusangiye akarere.

Gilbert Nduwayo arongoye umugambi PRONIANUT, mu kiganiro cari categuriwe abanditsi n’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko igitigiri c’abakenyezi bonsa abana gushika ku myaka ibiri, kiri ku bice 76 kw’ijana mu gihe cari kuba kiri ku bice 90 kw’ijana.
Mu matohoza yakozwe ku bakenyezi bonsa mu Burundi, kudashigikira umukenyezi yonsa mu mibereho yiwe ya minsi yose, biri bituma n’igitigiri c’abonsa kigabanuka. Ivyo vyaciye bituma higwa uburyo bwotuma ibitigiri vy’abonsa gushika ku myaka isabwa biduga.
Uburundi bwaciye bwifadikanya n’ibindi bihugu mu mugambi bise SMAM ( Soutenir l’allaitement aux côtés des mères), ari navyo vyavuyemwo icivugo c’uno mwaka "Gushigikira abavyeyi mu gikorwa co kwonsa neza".

Muti none uwo mukenyezi yoshigikirwa gute mu gikorwa co kwonsa?

Mu mugambi SMAM, barize uburyo bwofasha gushigikira umukenyezi mu gikorwa co kwonsa, aribwo bukurikira :

Umukenyezi yonsa akwiriye gushigikirwa mu muryango no mu kibano iwe. Abavugwa aha ko bomushigikira ni serugo, umuryango n’abagenzi. Aho bakwiye kumufasha mu dukorwa two mu rugo igihe we yoba ariko aronsa.

Umukenyezi ni ngombwa ko afashwa ku bijanye n’amagara yiwe, haba imbere y’uko yibaruka, canke n’inyuma yaho. Akeneye abamuba hafi nko kumwegereza ivyo adashobora gushikira.

Umukenyezi yonsa arakeneye gutahurwa no kwumvirizwa mu kibanza aranguriramwo imirimo yiwe. Kuri urwo ruhande, mu matohoza yakozwe, basanze abakenyezi bama bari ku mirimo ya minsi yose batonsa cane, na cane cane ababa mu gisagara ntibonsa abana babo ku rugezo rukwiye. Ivyo bikaba bitumwa no kutaronka umwanya wisanzuye wo kuja kwonsa abana.

Na Reta ifise uruhara ntangere mu gufasha abakenyezi bonsa. Intererano yayo ishobora kuba iyo kworehereza umukozi wayo mu gihe asavye akaruhuko (Congé), na cane cane mu minsi ya mbere umwana aba agikineye kwonka ata kindi bamuhaye.

Gutahura umukenyezi igihe ashikiwe n’ivyago vya giturumbuka. Aho twovuga nk’akarorero nk’igihe habaye ukutumvikana hagati yiwe n’uwo bubakanye, igihe ashikiwe n’indwara atari yiteze, canke umutekano wiwe uhungabanye.

Umukenyezi akeneye kwumva ashigikiwe igihe cose, uhereye mu nzu no mu kibano. Mu bushakashatsi bwakozwe, iyo umukenyezi afise imyitwarariko y’ubuzima bwinshi, canke yuzuye amaganya, ntaheza ngo agire amaberebere yo gushobora kwonsa umwana.
Abagabo bafise abakenyezi bonsa bakaba bahamagariwe kwama bari hafi y’abakenyezi babo mu kubashigikira mu dukorwa kugire bonse abana atakibagoye.

Mwomenya ko indwi mpuzamakungu yahariwe kwonsa yama ihimbazwa kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika iry’indwi Myandagaro uko umwaka utashe. Mu Burundi iyo ndwi bashimye kuyihimbazwa kuva kw’igekerezo rya 2 gushika iry’8 Kigarama. Umugambi SMAM ukaba watangujwe ku mugaragaro mu ntara ya Karuzi igenekerezo rya 2 Kigarama, utangujwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.