Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bob Marley, umukunzi wa Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Bob Marley, umukunzi wa Afrika

Bob Marley, umukunzi wa Afrika

samedi 11 Rusama 2013

Bob Marley twibuka uyu munsi yavutse kuwa 6 Ruhuhuma 1945, mu gihugu ca Jamayika mu gace ka Nine. Bob akaba yari umwanditsi w’indirimbo, n’umuririmvyi wazo. Kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 niho yitaba Imana ahitanywe n’indwara ya kansere.

Bob Marley yavutse ku mu nyajamayikakazi ava muri Afrika yitwa Cedella
Booker, yamuvyaye ku myaka 18 n’umuzungu yitwa Norval Sinclair ava mu Bwongereza. Ariko se yapfuye Bob Marley amaze imyaka 10 gusa.

Bob Marley azwi cane nk’umuntu yamenyekanishije umudiho wa Jamayica ndetse
hamwe n’indirimbo za Reggae zakunzwe n’abantu cane n’abantu batandukanye ndetse harimwo n’abarundi.

Mu gihe c’ubukoroni, Bob Marley yavuye mu buzima bw’ubukene butari
bumworoheye, aja kurondera ubuzima mu gisagara ca Trenchtown muri
Kingston, umurwa mukuru wa Jamayica.

Ahashitse, yahamenyaniye na Neville Bunny Wailer Livingston, Winston Peter Tosh na Hubert McIntosh. Baciye batangura gufashanya kuririmba. Mu mwaka w’1962, niho Bob Marley yasohoye indirimbo yiwe ya mbere yise ‘Judge not’ ku myaka 17
y’amavuko. Ariko muri ico gihe indirimbo ziwe ntizakundwa cane ariko ntivyamuca intege, yabandanije gushira inguvu ziwe mu kuririmba.

Mu mwaka w’1963, afatanyije na Junior Braithwaithe, Peter Tosh na Bunny
Wailer bagize umurwi bise ‘Wailers’ bisigura Ababivyi, baza no
kugiriranira amasezerano n’inzu yatunganya indirimbo yitwa ‘Studio One’ mu mwaka w’1964.

Bob Marley yamenyekanye mu ndirimbo nyinshi nka "I Shot the Sheriff
"No Woman, No Cry
You Be Loved
Conqueror" "Get Up
"Jamming
"Redemption Song < "One Love
"Three Little Birds < Buffal
Soldier <,"Iron Lion
Zion n’izindi nyinshi,

Bob marley kandi yarakunda Afrika ari naco gituma mu ndirimbo ziwe hari zimwe yitirira Afrika nk’iyiswe Afrika united. Kandi yaripfuza cane ko Afrika yogira amahoro ikava mu buja yarimwo ico gihe, abanyagihugu ba Afrika bakishira bakizana, ata wandya wangura.

Bob Marley yasize abana cumi n’umwe, batanu ku mugore wiwe, naho babiri muri bo batari abiwe. Ntiyemeye umukobwa wiwe wa mbere Carole, yavutse igenekerezo rya 22 Rusama 1963. Benshi mu bana biwe barakurikiranye umwuga wo kuririmba nka Ky-Mani Marley, Damian Marley, Ziggy Marley, Julian Marley na Stephen Marley.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.