Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bresil: Yibagishije ashaka ibisusu binini none ariko aborera mu bitaro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Bresil: Yibagishije ashaka ibisusu binini none ariko aborera mu bitaro (...)

Bresil: Yibagishije ashaka ibisusu binini none ariko aborera mu bitaro (photo&video)

jeudi 5 Ntwarante 2015

Andressa Urach amaze ukwezi kurenga mu bitaro vy’i Sao Polo kubera ibikomere yatewe no kwibagisha igisusu kugira bikunde atsinde ihiganwa rya Miss Bum Bum 2015.

Uwo mukobwa ari mu bitaro vy’indembe aho i Sao Polo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Bresil. Andressa Urach w’imyaka 27, inyuma yo kwibagisha igisusu kugira abaganga bamufashe kibe kinini arushe abandi mw’ihiganwa rya Miss Bum Bum ry’umwaka w’i 2015.

Amaze kwibagisha, imitsi yiwe yo mw’itako yatanguye kubora maze haratoboka havamwo ibisebe. Ashobora gucibwa ukuguru kubera imitsi yo mu kuguru yamaze kujamwo indwara zotuma baguca.

JPEG - 57.9 ko
Itako ryiwe ririko rirabora

Andressa Urach wewe avuga ko naho ariko arababara yemera ko ikosa ari iryiwe, yizera Imana ko izohamukura. Avuga kandi ko yohitamwo kuba ikimuga hako yopfa, akabona ko rero vyanse ko akira bopfuma bamuca ukwo kuguru.

Mwomenya ko Andressa Urach ari umunyamideri akaba n’umumenyeshamakuru. Yaratsinze ihiganwa rya Miss Bum Bum rihuza abakobwa bafise ibisusu binini ryo mu mwaka w’i 2012, aho yamenyekanye cane kandi bikamwinjiriza amahera menshi.

Raba aha munsi uko vyagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.