Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Igiterwa c’umuceri kiratunze abanyagihugu bo ku Musenyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bubanza : Igiterwa c’umuceri kiratunze abanyagihugu bo ku Musenyi

Bubanza : Igiterwa c’umuceri kiratunze abanyagihugu bo ku Musenyi

lundi 8 Mukakaro 2013

Ku musenyi ni mu ntara ya Bubanza, abanyagihugu baho bakaba batunzwe n’urudandazwa rw’umuceri n’amamesa. Ni igisagara gito kigenderwa n’abantu benshi bava mu ntara zitandukanye baje kuhasumira.

Muri iyi minsi rero, ico gisagara kiragenderwa cane kuko ari igihe c’isarura ry’umuceri kuko yaba abagore, abagabo, abarundi abanyamahanga, bose usanga bariko bararondera umuceri ndetse babaza uko ibiciro vyifashe. Eka ndetse n’imiduga itandukanye usanga yaje gupakira umuceri. Amamashini asya umuceri nayo agumizako na rirya abasuma ubu ari benshi iyo mfungurwa. Abasanzwe badandaza umuceri bavuga ko ubu ibijanye n’abaguzi canke abadandaza, ivy’ibiciro atari ingorane kuko ubu ari mw’iyera ryawo. Abadandaza batandukanye b’umuceri bo mu gisagara ca Bujumbura usanga bishikiye muri ico gisagara.

Umuceri rero udandazwa hakurikijwe uburanga bwawo, ibiciro rero bigaca bisumbasumbana hakurikijwe ubwiza bw’uyo muceri, canke akanovera kawo. Abawurangura nabo bavuga ko baheza bakawudandaza hisunzwe ibiciro baba bawuranguyeko. Ariko rero ibiciro birumvikanwako n’abarangura mu gihe umuguzi yiteguye gusuma umuceri mwinshi.

Turetse ivyo bidandawa vy’umuceri n’amamesa bidandazwa cane aho i Musenyi, isoko yaho irimwo ibidandazwa vyinshi kandi usanga isoko iremwe na benshi mu masaha y’imbere y’umutaga. Abanyagihugu bo muri ako gace baramaze gufata ingendo y’urudandaza kuko yaba umugore, umugabo, umwana, bose britanga ku buryo biruka n’ifaranga maze bakaronka amafaranga menshi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.