Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu barwaza abarwayi baramara na gatatu batumvise ko ururimi rwaraye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bamwe mu barwaza abarwayi baramara na gatatu batumvise ko ururimi rwaraye (...)

Bamwe mu barwaza abarwayi baramara na gatatu batumvise ko ururimi rwaraye mu kanwa

vendredi 18 Gitugutu 2013

Abaza kurwariza ababo mu bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura bavuye mu ntara zo hagati mu gihugu, baragira ingorane z’ukwo bafungura mu gihe bamwe usanga atamiryango bafise i Bujumbura yobagemurira imfungurwa. Abarwaza rero bamwe bamwe barahura n’ikibazo c’inzara hamwe bahakwa n’uguta ababo mu bitaro.

Mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, abarwaza bava mu ntara zo hagati mu gihugu kubera ubukene bw’ababagemurira, baritoreye umugambi wo kwikinjikira bonyene, ivyo bafungura hamwe n’abarwayi babo. Nk’uko bamwe muri abo barwaza bavyivugira, ubuzima babayemwo batagira uwubagemurira ntibworoshe. Uretse ko bibagora kuronka uwubagemurira, n’ukuronka amafaranga yo gusuma ivyo bakinjika canke amafaranga yo kugura imfungurwa zihiye birabagora, mu gihe ayo baba bazanye aherana n’ugutanga ingwati yo kwa muganga, aho bavuga ko batanga hagati y’amafaranga ibihumbi 50000 n’ibihumbi 200000.

Minani Gaspard umwe mu barwaza, aremeza ko yigeze kumara iminsi itatu ataco ashize ku munwa mu gihe atari azi ahaherereye isoko ya Bujumbura, amaze kuhamenya naho, yasanze ibiciro vyaho ari agacamutwe, atobigonda. Mu nyuma akaba Minani yava ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore akaja gusumira mw’isoko kwa Siyoni, mu Buyenzi canke mu Kinindo. Abo barwaza benshi usanga bava mu ntara za Bururi na Mwaro bakaba bamenyesha ko ikibazo c’ugufungura kibabangamira.

Abarwaza n’abarwayi babo bamwe usanga ari bantahonikora, bakaba bahakwa canke bagapfungirwa mu bitaro mu gihe amafaranga yo kuriha ibitaro aba ataraboneka. Ariko rero bakaba bashimira bamwe mu bo bahurira aho mu bitaro, kuko rimwe rimwe hari abagenda barabaririkiriza ku cumba ku cumba ko hatoba hari uwutarikora ku munwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.