Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura, Cibitoke na Bubanza: Ingwara zo gufungura nabi zirabangamiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bujumbura, Cibitoke na Bubanza: Ingwara zo gufungura nabi zirabangamiye (...)

Bujumbura, Cibitoke na Bubanza: Ingwara zo gufungura nabi zirabangamiye abana

mardi 11 Kigarama 2012

Ku bana ibihumbi 140, ibice 57 kw’ijana bafise ingwara zo kuzingama,ibice 37 kw’ijana nabo bafise ingwara zo gufungura nabi. Ivyo biharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu GVC riraba ivyerekeye amagara y’abantu.

Ishirahamwe mpuzamakungu GVC riraba ivyerekeye amagara y’abantu riherutse gukora icigwa co kuraba urugero abana batarakwiza imyaka itanu babayeho mu ntara za Bujumbura, Cibitoke na Bubanza. Ngo ryasanze abana babangamiwe n’ingwra zituruka kugufungura nabi.

Abana bakozweko amatohoza bangana ibihumbi 140. Ishirahamwe mpuzamakungu GVC ngo ryasanze ibice bigera kuri 57 kw’ijana vy’abo bana bagwaye ingwara zo kuzingama, ibice 35 kw’ijana basinzikajwe n’ingwara zituruka kugufungura nabi nayo ibice 11 kw’ijana vy’abo bana babangamiwe n’ingwara zo kunanuka.

Muganga Jean Claude Nkurunziza yakoze ico cigwa abitumwe na GVC, avuga ko ahanini izo ngwara zisinzikaje abana benshi kubera ukutamenya kw’abavyeyi babo. Amenyesha ko bitumvikana ingene izo ntara zibamwo abana bagwaye ingwara ziva kugufungura nabi kandi himbuka ibifungurwa vyinshi.

Ikindi uwo muhinga avuga ko gituma abana bagwara izo ngwara ari uko abavyeyi babo bahereza umwimbu mw’isoko aho kugaburira neza abana. Atanga akarorero ko usanga kenshi abavyeyi bashora ivyamwa,amagi,amata n’imboga aho kubigaburira abana. Izo ngwara ngo zituma abana badakura neza, batagira amagara meza, batagira n’ubwonko bumeze neza butuma bagira ubumenyi n’ubwenge mw’ishure.

Ahanura abantu bose gufungura no kugaburira abana babo imiryango yose y’imfungurwa. N’ukuvuga imfungurwa ndemamubiri,nsanganyangaburo na ntanganguvu. Kandi ngo ivyo vyose abantu baravyiririmira. Avuga ko ari vyiza gufungura ibiharage, inyama, intete, ibijumbu,amata, imboga, ivyamwa n’ibindi hamwe rero no kunywa amazi.
Ahamagarira abavyeyi kudahereza mw’isoko amata, imboga, ivyamwa, amagi n’ibindi, nyabuna ngo babigaburire abana babo.

Asaba abavyeyi b’abakenyezi konsa neza abana babo imbere y’amezi 6 atakindi kintu na kimwe co gufungura bahaye abana babo kuko ngo bituma bakura neza bakagira amagara meza.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.