Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Umuvyeyi yibarutse abana bane yaronkejwe utuganuke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bujumbura : Umuvyeyi yibarutse abana bane yaronkejwe utuganuke

Bujumbura : Umuvyeyi yibarutse abana bane yaronkejwe utuganuke

lundi 27 Nzero 2014

Ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge haraye habonetse igitangaza c’umukenyezi yibarutse abana bane kandi biciye mu nzira nziza (umuvyeyi atarinze kubagwa)
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Denise Nkurunziza akaba yaciye yishikira kuri ivyo bitaro gukeza abavyeyi b’abo bana. Aho hari ejo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2013.

JPEG - 102.5 ko
Denise Nkurunziza, umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu gukeza Gilbert Bavuga na Ancila Nahimana, abavyeyi b’abo bana bane, Denise Nkurunziza yavuze ko ari igitangaza Imana yabagiriye gushika bibaruke, igitangaza Imana ikoreye igihugu c’Uburundi hamwe no ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge vyabakiriye. Ati : "Ni imbonekarimwe hano mu Burundi".

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza akaba yaciye atanga imfashanyo y’ibikoresho vyo kwifashisha kuri uwo muvyeyi, ibirezo vy’abo bana hamwe n’ibahasha y’amafaranga agera ku 350 y’amadorare y’abanyamerika. Inyuma yo gutanga imfashanyo, akaba yaciye anasengera abo bana mukubasabira imigisha iva ku Mana nzima.

Nyina w’ivyo bibondo, Ancila Nahimana, umukenyezi w’ imyaka 35 y’amavuka, akaba yashimiye umuryango w’umukuru w’igihugu ku mfashanyo yabahaye, akavuga ko ari umunezero kuriwe kubona yashoboye kwibaruka iyo mbanyi yiwe ya kabiri yatumye akwiza abana batanu.

Mwomenya ko abo bana bane bari mu cuma kibabundikira ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, kuko bavutse ibiro bidakwiye neza.


Mariella Bukuru

Messages

  • 350.000 $ nivyo yamara?????

  • Amahera ariho abakenye ni bakene....

  • Koko, ni igitangaro c’Uhoraho ku bavyeyi babo bana n’u Burundi. Abantu barakwiye kurondera insiguro yaco, cane cane muri Bibiliya. Abayobozi ba Ekleziya gatorika n’abandi bihebeye Rugira, barakwiye kubidufasha mwo. Denise NKURUNZIZA yagize neza kuja gukeza ivyo bibondo n’abavyeyi bavyo. Uragahora ugarukira u Burundi na beneco. Na kare, induru zabaye nyishi.

  • Mu mwaka wa 1996-1997 ,harya mu Buyenzi 6 eme avenue n18 hari hapanze umudamu yitwa Consolate yaravyaye abana bane ,aka kane kamaze umwanya karapfa kubera kuruha,muga kari kashitse ,sinziko yoba akiriho munyuma nasubiye kumubona mu Kamenge.Kandi nukuri yaribana yacuruza udukaziye tubiri twibiyeri kandi sinziko yoba yaratewe iteka nkiryo abandi batewe, kuko nabona aguma akenye.,nutwana dukuru tubiri .urumvako ico Gitangaza Imana iguma iha uburundi bwacu

  • twereke abo bavyeyi babo bana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.