Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abafise ingorane zo mu bihimba vy’irondoka bagiye kuhatorera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Abafise ingorane zo mu bihimba vy’irondoka bagiye kuhatorera (...)

Burundi : Abafise ingorane zo mu bihimba vy’irondoka bagiye kuhatorera akoyokwe

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka, zimwe mu ndwara zisinzikaza umuntu ningonga mu gihe atazivuje hakiri kare, mbere zikanashobora no kumuhitana mu gihe atamenye kwagendana bene izo ndwara. Abarwaye izo ndwara bagiye kuharonkera akunguko.

Kutitwararika kugira isuku rikwiye mu bihimba vy’irondoka, kugira amabanga mpuzabitsina umuntu atikingiye, kudakorwa neza mu bihimba vyarimwo umwana inyuma yo kwibaruka hamwe canke n’ukurangura amabanga mpuzabitsina mu nzira zitarizo, ni bimwe mu bishora gutera indwara mu bihimba vy’irondoka yaba ku bagabo canke ku bakenyezi.
Mu gihe ata buhinga bukomeye bwo kuvura ibihimba vy’irondoka busanzwe buhari mu Burundi, haraye haje umuhinga karuhariwe yavuye mu gihugu c’Ububindi yaje gufasha kuvura abafise indwara zo mu bihimba vy’irondoka.

Nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi w’ibiraro CMCK biri muri komine Kinindo, Elyse Nkunzimana, uwo muhinga karuhariwe mu kuvura indwara zo mu bihimba vy’irondoka yaje mu Burundi, aho agiye kumara iminsi itatu kuri ivyo bitaro avura abafise ingorane zo mu bihimba vy’irondoka.
Ku bijanye n’amafaranga bizotwara ku baje kwivuza, umuyobozi Elyse Nkunzimana amenyesha ko hari akarusho muri ino minsi itatu kuko kwisuzumisha izo ndwara biriko bikorwa ku buntu. Ku bijanye n’ukuvurwa naho, umurwayi akariha ibice 50 kw’ijana ugereranije n’amafaranga vyari kumutwara.

Mwomenya ko uwo muhinga karuhariwe w’umuhindi mu kuvura indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka azomara iminsi itatu mu Burundi, akaba ariko avurira ku bitaro CMCK biri muri komine Kinindo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.