Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bariko baramenya akamaro ko gukoresha udukingirizo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi bariko baramenya akamaro ko gukoresha udukingirizo

Abakenyezi bariko baramenya akamaro ko gukoresha udukingirizo

mardi 25 Ruheshi 2013

Abakenyezi b’abarundikazi bariko baratangura kumenya akamaro ko gukoresha udukingirizo, mu ntumbero yo kwikingira umugera wa sida, gutwara inda batabishaka, ndetse n’izindi ndwara zica mu mibonano mpuzabitsina, ivyo rero bigatuma abo bakenyezi nabo nyene bariko barajijuka mu gusaba uwo bagire barangurane amabanga y’abubatse ko yokwambara agakingirizo.

Muri komine ya Rumonge iri mu muntara ya Bururi, abapfasoni twayaze bavuga ko ivyari imagera vyagerutse, ko kera ata mukenyezi yubahuka ngo ariko aravuga ibijanye n’agakingirizo, canke ngo avuge ibijanye n’ivy’imibonano mpuzabitsina, kuko wamenga ni ibintu biteye isoni, ndetse ukamenga umupfasoni avuze ibintu nk’ivyo aramenje bidasanzwe. Ubu rero kuva aho bamenyeye akamaro ko gukoresha agakingirizo eka mbere n’akamaro ko kuja hamwe bakayaga n’abandi mu ntumbero yo kumenya ibijanye n’ukwirinda indwara z’ivyaduka.

Ubu rero abo bapfasoni bo muri iyo komine batubwiye ko nko mubijanye n’ikoreshwa ry’agakingirizo k’abakenyezi bariko barabimenyera ndetse bigatuma ahubwo n’abo nyene ubu basigaye bagendana ubwo bukingirizo mu ntumbero y’ukwikingira ingorane bohava bahura nazo, cane cane ko atawumenya ibishobora ku mushikira aho aba ariko araja. Abo bakenyezi baratubariye ko hari incuti zanduye umugera kubera gutinya kuvuga ivy’ukwirinda ico kiza canke bagatinya kubarira abo bubakanye ko bokoresha agakingirizo, iyo hari ico biketse.

Zainabu Hassan ni umukenyezi afise umugabo yikorera utwiwe, ndetse akaba akunda kuja kurangura ibidandazwa mu makungu. Uyo mukenyezi avuga ko, uretse ko vyukuri bizerana n’uwo bubakanye, ariko yaba we canke umugabo wiwe bishobora gushika ko bibagora kuko umubiri hari aho unanira umuntu. Iyo umugabo wiwe avuye mu mahanga yamazeyo igihe kirenga amezi atatu canke ane, baraheza bagakoresha agakingirizo kugira barindire umunsi wokuzojana bose kwipimisha umugera wa sida kwa muganga.

Zainabu avuga ko ivyo babikora ku bw’ineza y’amagara yabo ndetse n’akazoza k’abana babo batanu. Avuga ko nka hamwe banduye umugera bose, bagaheza bakitabira Imana rimwe, abana babo bokurana agahinda ko kutaba nabo barezwe n’abavyeyi babo.

Uyo mupfasoni rero ahanura abakenyezi b’abarundikazi ko batosubira kuniganwa ijambo ku bijanye n’amagara yabo, ndetse avuga ko umwe mubo bubakanye bishitse akaja hanze ko yogerageze akaraba uburyo asaba uwo bubakanye bakipimisha kugira abana babo ntibabe impfuvyi vyavuye kuri umwe muri bo, ikindi asba abakenyezi n’ukwo boza baritwaza udukingirizo mu masaho yabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.