Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abakoresha umwavu w’ikizungu bariyongereye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Burundi : Abakoresha umwavu w’ikizungu bariyongereye

Burundi : Abakoresha umwavu w’ikizungu bariyongereye

samedi 12 Ndamukiza 2014

Isi y’Uburundi ibandanya gutituka ku buryo abakoresha umwavu w’ikizungu biyongereye, eka mbere n’ikoreshwa ry’uwo mwavu rikaba ryariyongereye kw’ihegitari.

Nk’uko bivugwa n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi Joseph Nduwimana, itituka ry’isi ritumwa n’uko imisozi iguma yamburwa, ibiti bigatemwa, ntibisubirizwe ari naco gituma hakwiriye guterwa ibiti vyinshi, abanyagihugu bakabandanya bahimirizwa gutera ibiti, mu ntumbero yo gutuma akanovera k’isi kaguma kameze neza. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi rero bukaba bwaratanze umwavu haba ku gice ca mbere c’irima canke igice ca kabiri c’irima.

Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, amenyesha ko mw’irima rya mbere ryo muri uyu mwaka w’2014, hatanzwe amatoni agera kuri ibihumbi 13196,5, mu gihe muri iki gice ca kabiri naho, hatanzwe umwavu w’ikizungu ungana n’amatoni 8487,85. Joseph Nduwimana akavuga ko umwavu w’ikizungu bisabwa ko abawuronse bawubika neza, ukabikwa ahantu humutse ku buryo utarwa ifira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.