Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Akarusho karabonetse mu vyerekeye kurwanya indwara yo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Akarusho karabonetse mu vyerekeye kurwanya indwara yo mu (...)

Burundi : Akarusho karabonetse mu vyerekeye kurwanya indwara yo mu kigo

vendredi 30 Rusama 2014

Mu Burundi abakenyezi 3550 nibo bagwaye indwara yo mu kigo, muri uno mwaka w’2014 naho kuri abo, hiyongera abashika 750 bayigwaye, iyo ndwara ikaba ikunda gufata cane abantu baba mu bihugu bikiri inyuma y’amajambere.

Igenekerezo rya 23 Rusama, isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara yo mu kigo (la fistule obstétricale ou maladie de l’arrière-cour) ariko mu Burundi ukaba wahimbajwe kuri uno munsi igenekerezo rya 30 Rusama. Nk’uko biri mu cegeranyo giherutse gusohoka, abakenyezi bashika 3550 nibo barwaye iyo ndwara. Muri uno mwaka kuri abo abashika 750 nibo biyongeyeko ku bayigwaye.

Iyo ndwara yo mu kigo rero, ituma umwanda muto canke amazirantoke biguma vyisuka ku mukenyezi ayirwaye aho umunuko ariwo urangwa aho aherereye (fistule vésico-vaginale ou fistule recto-vaginale). Umukenyezi arwaye iyo ndwara arakumirwa y’aba mu kibano canke mu muryango wiwe, abagabo barabata bagasigara ari ba nyamwigendako. N’ubwo vyibonekeje ko abaganga b’abarundi batahurumbiye kwiga ivyo iyo ndwara kuko ahanini ikunda kurwara abantu bakenye badashobora kwirihira amafranga yo kuyivura mu kuyibaga nk’uko umwe mu baganga yabitumenyesheje, akarusho mu kuyirwanya katanguye kwibonekeza, hari abaganga babiri b’abarundi baronse inyigisho zo kuvura ababa batarasinzikira( fistules simples).

Mu ntumbero rero yo kwikingira iyo ndwara vyari bikwiye ko abakenyezi bibarukira kwa muganga bakaza baranaja kwisuzumisha mu gihe bafise imbanyi. Tubamenyeshe ko kuva mu mwaka wa 2010 naho abakenyezi barenga ariibo bagiye kwivuza mu kigo Urumuri kiri mu ntara ya Gitega , ibice 85 bikaba arivyo bimaze gukira. Yaba abamaze gukorwa canke abatarakorwa muri abo bapfasoni baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE barangwa n’akanyamuneza n’umwizero, kuko baba barataye ivyizigiro barahebwe kandi barakumiriwe igihe kinini cane.

Abakenyezi rero bagiye kwivuza muri ico kigo Urumuri gifashwe mu mugongo n’abaganga batagira imbibe MSF Belgique barabafata mu mugongo mu gihe cose baba bariko bivuriza muri ico kigo, barabagaburira ,bakavurwa ataco basabwe, bagahabwa inyigisho zitandukanye, ndetse mu ntumbero yo kubafasha kwibeshaho mu gihe basubijwe mu mihana iwabo barabigisha n’imyuga nk’akarorero kujisha inkoko.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.