Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ibice 50 kw’ijana ntibazi ko bagendana indwara y’igisukari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Ibice 50 kw’ijana ntibazi ko bagendana indwara y’igisukari

Burundi : Ibice 50 kw’ijana ntibazi ko bagendana indwara y’igisukari

dimanche 16 Munyonyo 2014

Ingorane nyamukuru mu kurwanya indwara y’igisukari mu Burundi, n’uko ahanini abarundi batarijukira kuza baraja kwipimisha, mbere ibice 50 kw’ijana bagendana iyo ndwara batayizi, nk’uko umwigisha Niyongabo Theodore umuhinga muri iyo ndwara abivuga.

Mu gihe kuwa 14 Munyonyo uko umwaka utashe Uburundi bwifadikanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara y’igisukari, umwigisha Niyongabo Theodore, umuganga akongera akaba n’umuyobozi w’ibitaro Bumerec vy’i Bujumbura, amenyesha ko ivyo kwipimisha indwara y’igisukari mu Burundi bisa n’ibitarijukirwa, aho agasigura mbere ko mu barwayi benshi bakunda kwakira baja kwa muganga basanga bamaze gusinzikira.

Iyo ndwara y’igisukari ibonetse, umurwayi yamaze gusinzikara, n’ingorane ikomeye. Ariko iyo ndwara ibonetse itaragera kure, ibintu ntibiyangara, nk’uko uwo muhinga abandanya abivuga. Ariko rero, akenshi hari abarwayi bacira hagati imiti, kubera ko isanzwe izimvye, mbere uwo muhinga akavuga ko imwe mu zindi ngorane zihari mu kurwanya indwara y’igisukari, ari ingorane zijanye no kuvura ababa basinzikajwe n’iyo ndwara. Indwara y’igisukari igira kane mu ndwara zikunda kujana abantu mu bitaro, inyuma y’indwara ya Malariya, indwara zijanye n’umugera wa Sida hamwe n’igituntu.

Mu ntumbero yo kurwanya iyo ndwara, umuhinga Niyongabo asaba Reta kworohereza mu bijanye no gusuzumisha iyo ndwara, mbere mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bagategekanya n’imiti yo gutanga ku buntu ku badafise ubushobozi bwo kuyigurira.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.