Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Igitigiri c’abakoresha imisegetera ikingiye carongerekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Igitigiri c’abakoresha imisegetera ikingiye carongerekanye

Burundi : Igitigiri c’abakoresha imisegetera ikingiye carongerekanye

lundi 2 Nyakanga 2013

Malariya ni indwara iterwa n’imibu y’ingore iri mu bwoko bwa Anopheles. Ababangamirwa gusumba abandi akaba ari abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibungenze. Muri Afrika, indwara ya malariya, ikaba ikiri urugamba rwo kurwana.

Igitigiri c’abakoresha imisegetera ikingiye ( MII: Moustiquaire Impregnee d’Insecticide) carongerekanye kuva aho habereye itohoza rijanye n’irwirirana ry’abantu ryo mu mwaka w’2010. Igitigiri cavuye ku bice 45 kw’ijana, kija ku bice 54 kw’ijana ku bana bari munsi y’imyaka itanu, n’ibice 50 kw’ijana kija kuri 56 ku bakenyezi bibungenze bari hagati y’imyaka 15 na 49. Ivyo ni ibishikirizwa na Nizigiyimana Dionis, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, aho hakaba hari mu ruganda rwo kwerekana ivyavuye mw’itohoza ryabaye mu mwaka w’2012 ryerekana ibimenyetso vy’indwara ya Malariya mu Burundi.

JPEG - 43.3 ko
Bamwe mubari bitavye urwo ruganda

Mu matohoza yakozwe mu mwaka w’2012, vyagaragaye ko hafi ibice 2 kuri 3 vy’ingo, ni ukuvuga ibice 63 kw’ijana vyakoresheje imisegetera ikingiye. Umwana umwe kuri babiri ari hagati y’amezi 6 na 59 barapimwe indwara ya malariya. Ku bijanye n’aho indwara ya malariya iboneka cane, mu ntara ziri mu buraruko bw’igihugu c’Uburundi akaba ariho haboneka igitigiri kiri hejuru, igitigiri kiri ku bice 24 kw’ijana, mu gihe i Bujumbura ari igice kimwe gusa kw’ijana kuko biboneka ko abatari bake bifise, bashobora kuronka imisegetera ikingiye.

Muganga Jean Claude Nkurunziza, umuyobozi mu gisata co kurwanya malariya yamenyesheje ko mu buraruko bw’igihugu ariho habangamiwe kurusha ahandi kuko haciye imyaka itatu bataronse iyo misegetera ikingiye. Ikindi naco, muri ako gace na cane cane nko mu ntara ya Kirindo, hari ingorane zo gufungura nabi zimaze igihe kirekire bifadikanye kandi n’ubumenyi buke ku bavyeyi bw’ukungene bofata abana babo neza mu kubakingira indwara ya malariya.

Muganga Jean Chaude yamenyesheje ko hagiye gusubira kuba isekeza ryo gutanga imisegetera ikingiya muri izo ntara ziri mu buraruko bw’igigihugu zikibangamiwe n’indwara ya malariya, kandi ko hateguwe uburyo bwo kurushirizaho kurwanya indwara ya malariya, uburyo buri mu mice itatu. Ubwo nabwo ni : Kwigisha kumenya ingene indwara ya malariya ifata, kumenya uko boyikingira haba mu gukoresha imisegetera ikingiye canke mu gupompa imiti mu mazu, hamwe no gukingira abantu boba bavuye ahatari indwara ya malariya baja aho iri.

Mu gisata kiraba ivy’indwara ya malariya, baremeza ko muri rusangi, indwara ya malariya yagabanutse ku rugezo rushimishije, nko ku bice 80 kw’ijana. Muganga Jean Claude Nkurunziza yamenyesheje ko bagiye kurushirizaho guhimiriza abanyagihugu ku bijanye n’ukungene bokwikingira indwara ya malariya, batibagiye akamaro k’imisegetera ikingiye n’ingene ikoreshwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.