Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Inama rukokoma yo guhanahana ivyiyumviro mu kurwanya ikiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Inama rukokoma yo guhanahana ivyiyumviro mu kurwanya ikiza (...)

Burundi : Inama rukokoma yo guhanahana ivyiyumviro mu kurwanya ikiza SIDA

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe ryononosoye ivy’ubuvuzi ryishinze guteza imbere ubumenyi bw’abaganga, A.B.S.M mu mpunyampunyo ryifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, ryatunganije inama rukokoma igira kane kugira barabire hamwe ibijanye n’ikiza ca SIDA mu Burundi, mu ntumbero yo kwigishanya no gusangira ubumenyi ku bijanye n’ukungene bokinga ikiza ca SIDA mu gihugu.

Naho hamaze kuboneka ubumenyi butari buke bwo gukinga ikiza ca Sida, abantu ntibakwiye guca bijajara mu kwigenza ukutariko. Muganga Ntagirabiri Renovat asanzwe ari n’umuyobozi w’ishirahamwe A.B.S.M (Association Burundaise des Spécialités Médicales) amenyesha ko abantu bose bokwama bisuzumisha umugera, na cane cane abakenyezi bibungenze kugira bakingire amagara y’abana babo.
Muri iyo nama rukokoma igira kane yari yatunganijwe ku banyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi bo kuri kaminuza y’Uburundi hamwe n’abaganga bamaze gutangura umwuga wo kuvura, kuri uno wa gatanu wa 11 Ndamukiza, bakaba bagiye hamwe mu guterera ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ukungene ikiza ca Sida cokingwa mu Burundi.

Mwijambo ryo kwuguruza iyo nama rukokoma igira kane y’ishirahamwe ryanonosoye ivy’ubuvuzi mu guteza imbere ubumenyi bw’abaganga (A.B.S.M), muganga Rubera Paul Claudel yaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida yamenyesheje ko impinga yo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida mu Burundi ikiri ndende, kuko hakicibonekeza igitigiri kitari gito c’abawugendana.
Mu matohoza yakozwe, abakoze ivyirwa bakavuga ko ku munsi ku munsi hibonekeza, abantu barenga 6 300 bandura umugera kw’isi yose, mu bihugu bimwe bimwe hakumanuka ibiharuro bikagenda biduga.

Mu Burundi, abahurikiye mu mashirahamwe y’ubuvuzi bakaba bagiye hamwe kugira bigire hamwe ibijanye n’ubumenyi bwo gukinga iyo ndwara. Muri ino nama bakaba bashimikiye ku muvyeyi yibungenze n’abana kuko aho ariho bashobora gukorera mu gukinga umugera kugira abana bavutse ntibayandure, n’abavyeyi ntibayanduze, iri navyo bizotuma n’igitigiri c’abayivukana kigabanuka.

Tubibutse ko ku bakenyezi bagenda kwisuzumisha imbanyi kwa muganga, ibice 45 kw’ijana bataba bipimishije umugera wa SIDA, ivyo bigaca bituma hari abawanduza abana bibarutse.

Mu biharuro vyo mu Burundi, ivyegeranyo bivuga ko abantu bashika ku bihumbi 80 barwaye umugera wa SIDA, ibihumbi 60 bakaba bakeneye imiti yo gupfupfahaza ariko ibihumbi 30 bakaba bamaze kuronswa iyo miti, muri abo bose, hakaba harimwo abavyeyi bibungenze.

Basaba ko abakenyezi bose bakiri mu myaka yo gushobora kwibaruka, bija kwipisha igihe cose umugera kugira bikingire bataronerwa bongere bakingire n’amagara y’abana babo.

Mwomenya ko muri ukwo kwigishanya no gusangira ubumenyi kubijanye n’ikiza ca SIDA, uno mwaka icivugo bashinikiyeko akaba ari : “Infection A VIH”.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.