Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ingingo zo gukinga ikiza ca EBOLA zamaze gufatwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Ingingo zo gukinga ikiza ca EBOLA zamaze gufatwa

Burundi : Ingingo zo gukinga ikiza ca EBOLA zamaze gufatwa

mercredi 6 Myandagaro 2014

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza ko bwiteguye mu gihe horamuka habonetse umuntu arwaye ya ndwara ya Ebola imaze iminsi itikiza inganda mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengero.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uno wa kabiri, muganga Thadee Nsabimana yamenyesheje ko haza hariho umurwi w’abaganga bahawe inyigisho bashobora gufasha mu gihe ico kiza cokwibonekeza. Uwo murwi w’abaganga wari washizweho igihe ico kiza cari cibonekeje mu bihugu nka Ouganda na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Kubera ko ivyo bihugu bisanzwe vyegeranye cane n’igihugu c’Uburundi, ubuhsikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, bafadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS, barashizeho umurwi wo gucungera kugira uwo mugera ntiwinjire mu gihugu hamwe n’ibindi biza.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji bw’amagara y’abantu yibutsa ko ico kiza ca Ebola candukira mu gihe umuntu mwegeranye canke mukoranyeko aba afise iyo ndwara. Ku vyerekeye naho ubundi buryo bwo gukinga, hari ingingo zamaze gufatwa na cane cane nko mu mashirahamwe y’indege. Yamenyesheje kandi ko ibitaro Prince Regent Charles vyiteguye kwakira uwo wese yoba yafashwe n’iyo ndwara, uwo muvugizi w’ubushikiranganji akamenyesha kandi ko ivyo bitaro bifise ibikoresho bishobora gufasha umurwayi yoba yafashwe n’iyo ndwara. Mbere yanamenyesheje ko hari umukozi umwe yarungitswe n’ishirahamwe mpuzamkungu OMS kuzofasha mu gihe vyokenerwa.

Nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, ico kiza ca Ebola kimaze guhitana abantu 887 ku 1603 bafashwe n’iyo ndwara mu kiringo kitarenga amezi abiri gusa. Abagera ku 358 ni abo mu gihugu ca Guinée, 273 muri Sierra Léone, 255 muri Libéria hamwe n’umwe muri Nigeria.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.