Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Isabukuru y’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi n’uwo kurwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi: Isabukuru y’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi n’uwo kurwanya (...)

Burundi: Isabukuru y’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi n’uwo kurwanya marariya

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Isabukuru igira indwi y’umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya marariya, wahimbarijwe hamwe n’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi hano mu Burundi kuvy’ivugo biranga iyo minsi ibiri.

Icivugo c’umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya marariya akaba ari: “Twubake kazoza mu kurwanya indwara ya marariya”, nayo icivugo c’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi akaba ari “ Naho botobora uruhu n’agashinge gato, haba ingaruka nini”.

Iyo minsi mikuru uko ari ibiri ikaba yahimbajwe kuri uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 30 Ndamukiza hano mu Burundi, muri komine Magara mu ntara ya Bujumbura Rurale. Nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, marariya n’indwara iciha inkumbi mu kugandagura abantu batari bake kw’isi yose no mu Burundi harimwo. Kw’isi, umwana umwe kw’isaha akaba ariwe ahitanwa n’iyo ndwara ya marariya, kandi ari ndwara ishobora kurindwa igakira.

Chloé Ndayikunda, umwunganirizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu, amenyesha ko naho indwara ya mararira ikiri intambanyi ku bijanye n’amagara y’abantu, hano mu Burundi, hamaze gukorwa ibitari bike muri ino myaka, mu kurwanya ikiza ca marariya. Aho twovuga nk’isekeza ry’itangwa ry’imisegetera irimwo imibu yatanzwe mu gihugu, ryakozwe mu mwaka w’i 2009 n’i 2011. Hakaba hategekanijwe mbere n’irindi sekeza ryimirije mu kwezi kwa Ruheshi muri uno mwaka w’i 2014.

Mu matohozwa yakozwe, muganga Hélmenegilde Nzimenya asanzwe ari mu mugambi w’igihugu wishinze kurwanya indwara ya marariya, amenyesha ko mu mwaka w’ 2013, hibonekeje abantu bagera ku miriyoni zine bafashwe na marariya.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bukaba buhamagariye umuntu wese hano mu Burundi kugira ico aterereye mu kurwanya marariya imaze kwiha inkumbi ahatari hake. Bishoboka mbere, umuntu wese asabwe gukigira umutwaro wiwe mu gutera agacumu k’ubumwe mu kuyirwanya burundu mu gihugu.


Mariella Bukuru

Messages

  • MURI SANTE HAJA AMAHERA MENSHI ARIKO HAHINDUKA BIKE ..EHE RABA UMUSEGETERA UGURISHWA ABATEGETSI BABONA,EHE RABA URAZIMVYE KUKO URI IMPORTE ..NONE AHA NTA BAZI GUSHONA GA YEMWE !!!!EHE INGENE IBITANDANVY IBITARO BIKOZE NTA MUSEGETERA USHOBORA GUKINGA IMIBU UJA KO ..ABARUNDI SINZI ICO DUSHAKA ,,KURONKA MARCHE GUSA!!!EHE RABA IMITI INGENE IRUHUKIRA MU MA PHARMACIE PRIVEE IRUNHANDE Y IBITARO NA CENTRE DE SANTE NTA SONI ..KANDI MURABIZI TWEHO KO TUBIZI!!!!MUREKE KUTUBESHA RERO....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.