Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Mu mwaka w’2025, nta mukenyezi azosubira kurenza kuvyara abana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Mu mwaka w’2025, nta mukenyezi azosubira kurenza kuvyara abana (...)

Burundi : Mu mwaka w’2025, nta mukenyezi azosubira kurenza kuvyara abana batatu

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP (Fonds des Nations pour la population) irashimishwa n’iihangiro ryo kuvyara abana babatu gusa ku mukenyezi mu mwaka w’2025. Iryo hangiro ryatowe n’ubutugetsi bw’igihugu c’Uburundi, rikazotuma haba amategeko ngenderwako ya kiremwa muntu.

Umuhinga Jean Pierre Guengant wo mw’ishirahamwe FNUAP yagize ico ashikirije kuri uyu wa gatanu wa 28 Ntwarante ku bijanye n’irwirirana ry’abantu akavuga ko ashimishijwe n’iryo hangiro ryafashwe n’ubutegetsi bw’Uburundi. Naho iryo hangiro ryo kutarenza abana batatu ku mukenyezi wese rikiri mu vyipfuzo, uwo muhinga avuga ko rishoboka gushikwako.

Kubwa Jean Pierre Guengant, kwigumya mu bijanye n’irondoka ku bakenyezi bose, hamwe no kwigumya mu bijanye na kazoza kabo, biri muvyo bita mu gisata c’ukuziganya : ubushobozi bwo gukora wiyumvira kazoza kawe, gufata ingingo atawuyigufatiye ku bijanye n’ico uba ugire ukore, hamwe no gufata ingingo atawuyigufatiye ku bijanye naho uba ushaka kuba.

Guengant abandanya avuga ko iterambere atari ukugira gusa amafaranga, ariko ni no kuba ushobora kufata ingingo zigenga ubuzima bwawe atawundi azigufatiye mu mice yose haba mu muryango, mu mirimo ya minsi yose canke aho umuntu aba.

Uwo muhinga asaba Reta y’Uburundi kurushirizaho gushira umutahe mu gutanga inyigisho zizotuma haboneka ubuzi, guteza imbere intwaro ibereye kugira abanyamitahe babandanye bizera amategeko yashinzwe no mu bijanye n’amategeko, Reta yongere mbere ishinge ubuzi bushobora guteza imbere abanyagihugu.

Mwomenya ko ubu, mu Burundi ibitigiri vy’abana baharurwa mu ngereranyo ku mukenyezi wese bigera kuri 6,4 nayo ibiharuro vyerekana irwirirana ry’abantu ku mwaka bikaba bigera ku bice 2,4 kw’ijana ku bantu baharurwa ku miriyoni 8 zirenga.


Mariella Bukuru

Messages

  • ntaco abagabo bazoca baza bararongora abagore bane bane comme ça umwe wese avyarae batatu batatu (=12). abazungu bafise umugambi wo kuduhonya Kubera babonye umwirabure atwaye USA banka ko twogwira ngo duhave dutwara na Union européenne. ntibabeshe ntituzobemerera.

  • Ewe mwana wa mama kuguhonya ku muzungu ntikwabuze aho guca kuburyo yobanza kukugisha inama! Ukuguteranya n’umubanyi gusa mukaryana biratuma ivyo wiyumvira vyo gutegeka isi bikuba kure. Ukuba abategetsi bacu bari musi y’ubushobozi bwabo navyo birikwije, Kuba afrika idashobora kuba igihugu klimwe nka leta zunze Ubumwe z’amerika aho Umuperezida umwe wo muri Afrika arushwa aho atwara n’abo atwara n’uwo muri Amerika twokwita Chef des zone!

    Guteranya ibihugu vy’Afrika kugirango; babone uko basarura ibiyihishijemwo wewe ubibona gute? n’ibindi ataworondora hano; Mbese ko uvuga ngo; abagabo boca barongora abagore benshi kugiarango uze ugwiza 3, Abazungu bo bageze kukubwirako utora uwundi mugabo maze madamu wawe nawe agatora uwundi mugore akaguharika canke ukomoka! Aho ndi nkubwirako Iyo umugore ashonje umugabo agura akamashini kabigenewe! (Ukekako Isi isigaje akanya kangana iki)? Uguhona kwayo kuri ku muryango hahiriwe uwiteguye, Twiyeze Uhoraho ntadusange mu matati.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.